Uko wahagera

Batandatu Baraguye Mu Mirwano ya Red Tabara na Forebu


Ahaherereye Akarere ka Uvira mu ntara ya Kivu y'Ubumanuko
Ahaherereye Akarere ka Uvira mu ntara ya Kivu y'Ubumanuko

Imirwano hagati y’imirwi y’Abarundi yitwaje ibirwanisho mu karere ka Uvira mu buseruko bwa Republika iharanira demokarasi ya Kongo yaguyemwo abarwanyi batadantu.

Amakuru Ijwi ry’Amerika rikesha abayobozi muri ako gace yemeza ko iyo mirwano yabaye mw’ijoro ryo ku wa gatatu hagati y’imirwi Red Tabara na Forebu.

Abo bayobozi bavuganye n’Ijwi ry’Amerika bavuga ko abagera kuri bane bo muri Red Tabara aribo baguye muri uko gutana mu mitwe, babiri barakomereka mu gihe ku ruhande rwa Forebu abaguye muri iyo mishamirano ari babiri n’umwe yakomeretse.

Umwe mu bategetsi batashimye ko umwidondoro wabo uja ahabona, yabandanije avuga ko Red Tabara yakoze ikindi gitero atawe cahitanye ahitwa Kidyama, habarizwa ibirindiro vya Forebu kuri uno wa kane.

Ayo makuru y’ugutana mu mitwe hagati y’iyo mirwi ibiri irwanya ubutegetsi bwo mu Burundi, aremezwa n’inzego zishinzwe umutekano muri Uvira. Ico iyo mirwi yitwaje ibirwanisho yoba iriko irapfa ntikiramneyekana.

Ijwi ry’Amerika ntiryashoboye kuvugana n’abavugira iyo mitwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG