Uko wahagera

Uburundi Buhakana ko Abagavye Igitero mu Rumonge ari Abarwanyi


Ikiranganzira ca Komine Bugarama, mu ntara ya Rumonge
Ikiranganzira ca Komine Bugarama, mu ntara ya Rumonge

Abanyagihugu 11 n'abagwanyi barenga batanu ni bo baguye mu gitero c'abantu bateye mu ntara ya Rumonge mu bumanuko bushira uburengero bw'Uburundi kuva ku musi w'Imana uheze.

Abanyagihugu bahaye amakuru Ijwi ry’Amerika batashimye ko amajwi yabo n’umwidondoro bimenyekana bavuga ko aba bagwanyi babonetse ubwa mbere ku musi w’Imana itariki 23 z’uku kwezi k’umunani.

Bagaragaye ku mutumba witwa Gahuni, komine ya Bugarama. “ Baje bava muri Republika ya Demokarasi ya Kongo. Iboti yabazanye yahagaze mu Rutunga muri komine Muhuta. Baciye baduga ubudogi gushika Gahuni. Kw’isoko barahivye ibintu baca bakomeza baja mw’ishamba rya Monge”, niko bamwe mu banyagihugu baba aho Gahuni bemeza.

Muri zone Maramvya, komine Burambi, amakuru ahava yemeza ko umwarimu umwe n’umusirikare bakomeretse mu gihe hariko haba uko gutana mu mitwe.

Eka no muri komine Muhuta uwu mugwi warahavuzwe. Mbere hari imisore ibiri ituruka muri komine Mugamba, intara ya Bururi mu bumanuko yari yaroye kuramukanya mu ncuti yahagaritswe n’abasirikare bikekwa ko bakorana n’aba bantu bitwaje ibigwanisho.

Umuhari w'aba roberi " Red Tabara" uvuga ko abagwanyi bawo ari bo bagavye ico gitero, ukemeza ko batanye mu mitwe n'igipolisi n'Imbonerakure. Bulamatari wa Rumonge we arabihana. Mu kiganiro n'Ijwi ry'Amerika yavuze ko ata gitero cabaye ahubwo ari abagizi ba nabi bivye abanyagihugu bicamwo 11".

Yagize ati ”Ubwa mbere hoho nashaka kubamenyesha ko ata gitero cabaye mu ntara ya Rumonge. Icabaye ni abagizi ba nabi bivye abanyagihugu, babikoreza ivyo bivye”.

Amakuru yemejwe n’amwe mu masoko yo mu gipolisi n'abanyagihugu naho biri uko n’uko abasirikare n’abapolisi baturiye ishamba cimeza rya Monge kuri uyu wa kabiri kugira abaryinyegejemwo bomoke.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG