Uko wahagera

Red Tabara Yiyitiriye Ibitero Byagabwe Mu Burundi


Mu Burundi haravugwa ibitero vyaraye bigabwe muri komine Gihanga mu ntara ya Bubanza mu burengero bw’Uburundi.

Ababibonye bavuga ko babonye abantu batari bake bitwaje ibirwanisho bikomeye muri ivyo bice.

Bariko bagana mw’ishamba ryo mu Kibira, hafi ya Komine Musigati muri iyo ntara ya Bubanza.

Bavuga ko bari benshi kandi bari bafise ibirwanisho bikomeye cane.

Ababonye abo bantu bikomeye babajijwe bavuga ko bari benshi kandi bari bafise ibirwanisho bikomeye cane.

Abanyagihugu baba muri Komine Musigati bamenyesha ko abo bantu bababwiye ko baje kugarukira igihugu. Abo banyagihugu bakaba batekewe n’ubwoba. Bamwe muri abo banyagihugu bavuga ko bazotegerezwa kuva mu bice barimwo kubera ingwano ishobora kwaduka umwanya uwo ariwo wose. Basaba ko umutekano wabo wubahirizwa.

Bariko baca muri Komine Mpanda, abo bantu bitwaje ibirwanisho banyuruje abantu 20 harimo umukuru w’umutumba wa Mitakataka, muri Zone ya Randa. Abo bantu bari banyurujwe barekuwe ku mutumba wa Ruziba muri Zone ya Dondi.

Isoko y’amakuru yavuganye n’Ijwi ry’Amerika ivuga ko imikangara y’umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi, CNDD-FDD, abasirikare n’abapolisi bakikuje umurwa mukuru wa Komine Musigati.

Hari andi makuru avuga ko abanyagihugu batanguye guhunga ibice vya Komine Musigati aho abo bantu bitwaje ibirwanisho baciye.

Abajejwe intwaro mu ntara ya Bubanza n’inteko zijejwe umutekano barahumuriza abanyagihugu. Basaba abanyagihugu kubamenyesha ku gihe abantu bose bikeka.

Muri ico gihe, abarwanyi b’umurwi urwanya ubutegetsi bw’Uburundi, “Red Tabara” mw’itangazo, bavuze ko ku musi wa mbere italiki 21 y’ukwezi kw’icumi, uyu mwaka w’i 2019, italiki y’ukwibuka imyaka 26 irangiye intwari ya demokarasi igandaguwe, batanguye ibitero bigenewe gushiraho ubutegetsi bugendera ku mategeko. Bibutsa ko urugamba rwabo rwerekeye demokarasi rukenewe cane muri iki gihe mu Burundi.

Abo barwanyi batangaza ko batanye mu mitwe n’abasirikare ba Reta. Bamenyesha ko Uburundi budatekanye nk’uko Reta ihari mu Burundi ibivuga.

Mu butumwa ubushikiranganji bujejwe umutekano bwacishije ku rubuga rwabwo rwa Twitter rwavuze abo bwise "abicanyi" 11 bari baje bava muri Congo bishwe, inkoho 11 zabo zirafatwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG