Uko wahagera

FARDC Ivuga ko Yishe Abarwanyi b’Abarundi n’Abakongomani 66


Bamwe mu basirikare ba Congo

Igisirikare cya Congo FARDC catangaje ko kuva mu kwa kabiri aho catangira intambara yo kurwanya imitwe y’inyeshyamba z’Abarundi n’Abakongomani ziri mu misozi miremire ya Uvira kimaze kwica inyeshyamba 66 congera gifata abagera kuri 30.

Umuvugizi wa FARDC mu karere kaberamwo iyo migwano mu ntara ya Kivu y’amajyepfo, Kapiteni, Dieudonné Kaseleka mu kiganiro yahaye abanyamakuru kuri uno wa gatatu yirinze kuvuga umubare nyawo wa buri ruhande muri abo 66 igisirikare ca Congo cemeza ko cishe.

Kapiteni Kaseleka yemeje yamara muri ico kiganiro n’abanyamakuru ko ku ruhande rwa FARDC batakaje abasirikare babiri, hakomereka batandatu abandi babiri nabo akaba atawuzi irengero ryabo.

Ijwi ry’Amerika ryagerageje kuvugisha zimwe mu nyeshyamba z’Abarundi zari zisanzwe zikorera muri Uvira ntizaboneka. Mu kwezi gushize umuyobozi w’umutwe w’inyeshyamba za FNL, Aloys Nzabampema, mu kiganiro yari yagiranye n’ijwi ry’Amerika yemeje ko hari abasirikare 5 ba FARDC yafashe mu mirwano yabereye ahitwa Kageregere.

Hambavu y'umutwe w’inyeshyamba za FNL uyobowe na Aloys Nzabampema Congo ibarizwamo kandi inyeshamba z'Abarundi ziri mu murwi wa RED TABARA na FOREBU.

Inkuru yateguwe n'umunyamakuru w'Ijwi ry'Amerika muri Congo Vedaste Ngabo

please wait

No media source currently available

0:00 0:01:53 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG