Uko wahagera

Sindimwo Yahoze ari Icegera c'Umukuru w'Igihugu mu Birukanywe muri Uprona


Gaston Sindimwo yahoze ari icegera c'umukuru w'igihugu mu Burundi

Umugambwe w'abadasigana UPRONA uhejeje gufata ingingo ruhasha yo gufuta muri uwo mugambwe abagabo batatu ari bo: Uwahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c'Uburundi Gaston Sindimwo ubu akaba ari umushingamateka, uwahoze ari umukenguzamateka Anicet Niyongabo na Ambasaderi Isidore Mbayahaga.

Bagirizwa kugaya inzego nkuru z’uwo mugambwe UPRONA, kuwararaza no ku wucafuza. Iyo ngingo yateweko umukono n'umukuru w'uwo mugambwe ari we Abel Gashatsi asanzwe ari icegera ca kabiri c'uwutwara inama nshingamateka, icegera c'umukuru w'igihugu Prosper Bazombanza, n'abandi baserukira umugambwe batandukanye.

Umunyamabanga mukuru w'uwo mugambwe Olivier Nkurunziza yabwiye Ijwi ry'Amerika ko iyo ngingo yafashwe n'inama y'ibiro nshingwantwaro ya Komite nkuru y'umugambwe Uprona, wagize gatatu mu matora y'umukuru w'igihugu aheruka kuba. Iyo nama yabaye kuri uyu wa kabiri ku mugoroba iheze isaha zitatu n'inusu z'ijoro. Abo bakuwe bobo bavyamirira kure. Basigura ko ingingo yafashwe n’abatabifitiye ububasha.

Mu rwandiko Gaston Sindimwo yahaye Ijwi ry'Amerika, baheruka gusaba umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ajejwe imigambwe ko yobabera umuhuza maze bagakemura amatati bafitaniye n’uburongozi bukuru bw’umugambwe wabo Uprona. Aba, bagiriza na bo abatwara umugambwe ko banyuruje amatungo rusangi kandi ko batwaza umukazo mu mugambwe.

Naho biri uko, itegeko rigenga inama nshingamateka rivuga ko umushingamateka yirukanywe mu mugambwe wiwe aca atakaza ikibanza yari afise. Vyumvikana ko Gaston Sindimwo azoca asubirirwa n’uwundi azokwizerwa n’umugambwe Uprona

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG