Uko wahagera

Amatati Ku Wuzoserukira Abadasigana Mu Matora


Gaston Sindimwo, umukandida w'umugambwe UPRONA
Gaston Sindimwo, umukandida w'umugambwe UPRONA

Bamwe mu banywanyi bakuru b’umugambwe UPRONA basaba abadasigana kuzotora umukandida w’umugambwe uri ku butegetsi CNDD- FDD mu matora y’umukuru w’igihugu.

Babishikirije mu nama bakoranije mu bumanuko bw’igisagara c’ubutunzi Bujumbura. Bagasigura ko bafashe iyo ngingo mu ntumbero yo kuvavanura n’indongozi nkuru z’umugambwe bagiriza ubunyonyezi bw’amatungo y’umugambwe.

Abo badasigana barongowe mu nama n'abitwa Giteruzi Dieudonné, Mbayahaga Isidore na Habonayo Georges.

Muri iyo nama bavuze ko batemera uburongozi bwa UPRONA n'ingene hashizweho umukandida mu matora y’umukuru w’igihugu yimirije, ari we Gaston Sindimwo.

Kubera iyo mvo abakoranije inama yo kwiyamiriza indongozi z’umugambwe babwiye abari bitavye iyo nama uwo bazotora mu matora y’umukuru w’igihugu. Uwo na we ni umukandida wa CNDD-FDD nk’uko vyavuzwe na Mbayahaga.

Ku ruhande rw’indongozi z’umugambwe w’abadasigana, bavuga ko ata nama batunganije kuri uno wa gatandatu. Olivier Nkurunziza umunyamabanga akaba n’umuvugizi avuga ko ivyashikirijwe muri iyo nama bitega umugambwe avugira kanatsinda ngo abatumyeko iyo nama n’abakoze amakosa mu mugambwe ubu bari mu bihano.

Naho rero ku ruhande rw’umugambwe w’abadasigana batatse abategetsi mu gipolisi no mu ntwaro kugira iyo nama ntibe, yabaye mu mutekano nta ngere.

Amaradiyo akorera ku butaka bw’Uburundi yabajije Daniel Kabura arongoye komine Muha ivy’iyo nama yishuye ko atayo yari azi kandi amadarapo yari ashinzwe ku mabarabara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG