Uko wahagera

HRW Yemeza ko mu Burundi Abantu Bakomeje Kwicwa no Kunyuruzwa


Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu kw’isi, Human Rights Watch, ritangaza ko gukandamiza abantu bibandanya mu Burundi mu gihe ico gihugu kiriko citegurira amatora rusangi mu kwezi kwa gatanu.

Iryo shirahamwe ryemeza ko hagati mu gihugu abatavuga rumwe na Reta bakomeje kwicwa no kunyuruzwa, ivyaha bidashirwa ahabona kuko amakuru yavyo adahuta amenyekana.

Mu cegeranyo Human Rights Watch yashize ahabona kuri uno wa kabiri, yemeje ko akenshi ayo mabi aba abategetsi bo mu bice biberamwo babizi. Kubw'iryo shirahamwe, hari ibiziga bitamenyekana bigitorwa irya n'ino mu Burundi.

Human Rights Watch ivuga ko bimwe muri ivyo biziga biba bibohewe amaboko i mugongo, vyuzuye ibikomere, ibihimba bimwe vy'umubiri vyaciwe. Iryo shirahamwe rigafatira aho ryemeza ko abo bantu baba bishwe urw'agashinyaguro.

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi, Gaston Sindimwo yiyamirije ico cegeranyo gishasha c’ishirahamwe, “Human Rights Watch”. Avuga ko ari kimwe mu vyegeranyo bitari bike vy’urukurukuru bigenewe gutera ubwoba Abarundi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG