Uko wahagera

Uburundi Buzokwitwarira Umuryango COMESA


Sindiso Ngwenya, yari umunyamabanga mukuru wa Comesa, ari kumwe na Perezida Pierre Nkurunziza uyu mwaka wa 2018.
Sindiso Ngwenya, yari umunyamabanga mukuru wa Comesa, ari kumwe na Perezida Pierre Nkurunziza uyu mwaka wa 2018.

Leta y'Uburundi izokwitwarira umuryango w'ubutunzi n'isoko rusangi w'ibihugu vya Afrika y'amajepfo niy'ubuseruko Comesa kubera wimuriye inama yawo ya 20 i Lusaka muri Zambiya kandi yategerezwa kubera mu Burundi.

Gaston Sindimwo, icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu yabibwiye Ijwi ry'Amerika. Ariko uwo mutegetsi ashikiriza ko hakiri kare kuvuga niba Uburundi buzogumana imigenderanire na Comesa canke buzoyihagarika.

Iyo nama y’abakuru b’ibihugu vy’umuryango wa Comesa yabereye muri Zambia ku matariki ya 18 na 19 y’uku kwezi kw’idwi turimwo.

Ingingo imwe nyamukuru niyo barabiye hamwe. Igira iti: “twerekeze hamwe mu bwiyunge mu bijanye n’ubutunzi hakoreshejwe ubuhinga bwa none”.

Indongozi z’iryo shirahamwe zemeranije ko ibihugu vyose birigize bitegerezwa gushiraho umugambi wo gukoresha ubuhinga bwa none no kubwisunga mu rucuruzwa, ihanahana ry’ibidandazwa hamwe n’imigenderanire mu bisata bitandukanye hagati y’ibihugu bigize Comesa.

Iyi nama yatunganirijwe i Lusaka vyari bitegekanijwe ko ibera i Bujumbura mu Burundi. Mu kwezi kw’indwi umwaka w’i 2017, niho Sindiso Ngwenya, yari umunyamabanga mukuru wa Comesa ico gihe yatangura kwandikira Leta y’Uburundi ayimenyesha ko inama y’uwo muryango yari itegekanirijwe kubera mu Burundi itazohabera.

Ico gihe uturorero yatanze ni utuzu twa surwumwe tudakwiye ku bantu bose bari kwitaba iyo nama, amahoteri atari ku rugero rushemeye, ivyumba biberamwo amanama bidakwije ibisabwa n’amategeko, imiduga y’abubahwa cane cane abakuru b’ibihugu itigeze yerekanwa n’ubwo umugwi wa Comesa waje i Bujumbura wemejwe ko iriho hamwe n’urugero rwa internet rudashemeye.

Hagumye zuguruzuguru mbere mu kwezi kwa mbere uyu mwaka bwana Ngwenya yigira mu Burundi aho yasezeranye ko inama y’abakuru b’ibihugu b’umuryango wa Comesa n’ibindi bikorwa biba muri'co gihe harimwo n’inama y’abashikiranganji izobera mu Burundi uyu mwaka nk’uko vyari bitegekanijwe.

Kuva ico gihe Leta y’Uburundi yaciye itangura kwikazanura gushika ku munota wa nyuma mbere n’amabendera y’ibihugu bigize Comesa yarahungabana ku mugwa mukuru Bujumbura.

Gaston Sindimwo, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yemeza ko uko kwisigira gusiba kudashobora kwijana. Avuga ko iyo nama yakozwe ku ngufu no ku gahato birenze ku mategeko.

Gushika ubu, Leta y’Uburundi naho ivuga ko izitwara ntirashira ahabona canke ngo yerekane ibintu n’ibitigiri vy’amafaranga yakoresheje mu myiteguro yo kwakira inama ya Comesa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG