Uko wahagera

Uburundi Buramagana Ubulaya kw'Itahurwa ry'Ingabo muri AMISOM


Uyu ni Gaston Sindimwo, Visi-Perezida wa mbere w'Uburundi, mu nama y'Afrika y'ubuseruko i Arusha muri Tanzaniya tariki ya 01/02/2019.
Uyu ni Gaston Sindimwo, Visi-Perezida wa mbere w'Uburundi, mu nama y'Afrika y'ubuseruko i Arusha muri Tanzaniya tariki ya 01/02/2019.

Reta y’Uburundi yamagana ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Bulaya ko ari ryo riri inyuma y’itahukanwa n’iburabuzwa ry’ingabo zayo ziri mu murwi wa AMISOM. Uyu ni umutwe ushinzwe kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya.

Mu kiganiro cihariye yahaye Ijwi ry'Amerika, icegera ca mbere ca Perezida w’Uburundi, Gaston Sindimwo aremeza ko itahukanwa ry'izo ngabo rizotuma haba igihengeri mu kigega ca Leta.

Umushingantahe Sindimwo avuze ayo majambo mu gihe abasirikare 600 kuri 1000 Uburundi bwategerezwa gukura muri AMISOM gushika kw'itariki ya 28 ukwezi guheze n'ubu bakiri ku butaka bwa Somaliya.

Iyi ni inkuru yakurikiranwe n’umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika I Nairobi Eloge Willy Kaneza.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:55 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG