Uko wahagera

Reta y'Uburundi Ihamagarira Abarundi Bose Bahunze Gutahuka


Visi-Prezida w'Uburundi Gaston Sindimwo
Visi-Prezida w'Uburundi Gaston Sindimwo

Reta y’Uburundi itangaza ko gutahuka kw'abanyepolitike kimwe n'abandi barundi bidakenewe kubanzirizwa n'ibiganiro. Reta iteye ako kamo mu nyuma y'aho bamwe mu banyepolitiki bahunze igihugu bahurikiye mu runani CNARED batangaje ko batahuka habanje kuba ibiganiro nbyatuma n'umutekano wabo witabwaho.

Mu kiganiro cihariye yagiranye n'Ijwi ry'Amerika, Visi-Prezida wa mbere w'Uburundi, Gaston Sindimwo, yabwiye umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Frederic Nkundikije ko abatahuka bose bafite uburenganzira bwo guhatana muri politiki.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:52 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG