Uko wahagera

Sena y'Amerika Yagize Umwere Donald Trump ku Vyaha Yagirizwa


Inama nkenguzamateka ya Reta Zunze Ubumwe z’Amerika yaraye yejeje Donald Trump ku caha co gushishikariza abayoboke biwe kugumukana inzego z'ubutegetsi. Bibiri vya gatatu vy’amajwi y'abagize sena yari akenewe kugira yagirwe n’ico caha ntivyakwiye: 57 mu bagize sena y’Amerika batoye bamwegekako icaha, 43 nabo batora bavuga ko ari umwere.

Icaha co kugomorera abamushigikiye mu migumuko yacagirijwe inyuma yaho kw’igenekerezo rya 6 ukwezi kwa mbere uyu mwaka, abayoboke biwe bateye icicaro ca Congres y’Amerika, baburizamwo ibikorwa vyo kwemeza intsinzi ya Perezida Joe Biden vyariko birahabera.

Uru rubanza rugize urwa kabiri sena y’Amerika igizemwo umwere uwu yahoze arongoye Amerika. Mu 2019, mu vyo Trump yagirijwe harimwo kuba yoba yaragerageje kuremera Perezida wa Ukraine amusaba gukora amatohoza yocafuza mukeba wiwe w'ico gihe, Joe Biden.

Urubanza rwo mu 2019 rwabaye mu gihe inama nkenguzamateka yari yiganjiwe n’umugambwe w’abarepublikani Trump akomokamwo, mu gihe urw’uno mwaka rubaye mu bwiganze bw’ademokrate naho batashoboye kuronka amajwi 67 bari bakeneye kugira icaha kimwagire.

Ukwezwa kwa Donald Trump biciye mu nama nkenguzamateka bisigura ko ubu afise uburenganzira bwuzuye bwo kongera gusubira kwitoreza kurongora Amerika igihe cose umugambwe wiwe w’abarepublikane wobimwemerera. Imbere y’uko uru rubanza ruba, Donald Trump yarivugiye ko azogaruka. Mu mateka y'Amerika, Donald Trump yatwaye manda imwe rudende abaye umuperezida wa mbere yegetsweko ivyaha incuro zibiri zose.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG