Uko wahagera

Aba Avoka ba Trump Bariregura kuri uyu wa Gatanu kuri Impeachment


Abayoboke ba Donald Trump Barwana n'igiporisi ku nyubakwa ya Capitol i Washington, Kw'italiki ya 6/01/2021
Abayoboke ba Donald Trump Barwana n'igiporisi ku nyubakwa ya Capitol i Washington, Kw'italiki ya 6/01/2021

Abashingamateka bo mu mugambwe w’abademokrate batoranijwe kuburanya ikirego ca impeachment kuri Donald Trump, kuri uyu wa kane barangije gushikiriza ivyemeza n’ibirego bari bateguye muri urwo rubanza. Basavye Sena ya Amerika guhana uwo yahoze ari perezida ku ruhara yagize mu migumuko n’igitero vyabereye kuri Capitol kw’italiki ya 6 y’ukwezi kwa mbere.

Umushingamateka Joe Neguse, yinginze abasenateri kutareka ngo iki caha cijane kidahanwe kugira ntikize gisubire gukorwa n’uwundi muri kazoza.

Umushingamateka w’umudemokrate, Jamie Raskin, arongoye abandi, yasavye abasenateri 100 bose bashashe muri Sena y’Amerika, gukora ico barahiriye bacinjira muri ayo mabanga, aho bemeye ko bazovuga ukuri no kurwanira ikurikizwa ry’amategeko.

Abashingwamanza baburanira Trump na bo batangura kwiregura kuri uyu wa gatanu, mu kiringo c’amasaha 16.

Abademokrate bafise intebe 50 ku basenateri 100 bashashe muri sena. Nta bimenyetso bigaragara vyemeza ko bazoshobora kuronka biri vya gatatu n’ukuvuga amajwi 67 akenewe kugira bahane Trump.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG