Uko wahagera

Ababuranya Trump Berekanye Ivyemeza mu Rubanza rwa Impeachment


Amasanamu ya videwo abademokrate berekanye mu mburano za impeachment.
Amasanamu ya videwo abademokrate berekanye mu mburano za impeachment.

Muri Reta zunze ubumwe za Amerika, ababuranya uwahoze ari perezida, Donald Trump, mu rubanza ruriko rubera muri Sena, kuri uyu wa gatatu batanguye kwerekana ivyemeza bimurega batororokanije.

Bavuga ko Trump atari umwere ku migumuko yabaye ku nyubakwa y’abashingamateka, Capitol mu kwezi guheze, igihe abashingamateka n’abasenateri bariko baremeza intsinzi ya Joe Biden mu matora yo mu kwezi kwa cumi na kumwe.

Umushingamateka, Jamie Raskin, arongoye umugwi w’abademokrate bashikirije ibirego, hamwe n’abandi bagenzi we, bavuze ko Trump yagomoye ingabo z'abayoboke biwe inyuma y’indwi zitari nke amatora yarabaye.

Raskin, yavuze ko Trump, ari we yakije akariro, bituma hasiga ubuzima abantu batanu, barimwo umuporisi.

Abo bashingamateka bamurega berekanye ubutumwa bwa Twitter hamwe n’amasanamu ya videwo aho Trump avuga ko amatora yibwe kandi ahamagarira abamuyoboka kuja i Washington kw’italiki ya 6 y’ukwezi kwa mbere, aho abashingamateka bategekanya kwemeza intsinzi ya Biden.

Kubona abademokrate badafise amahirwe yo gukwiza amajwi 67 asabwa kugira Trump ahanwe, bisa nuko azokwezwa ubugira kandi.

Ariko uko biri kwose, Trump ni we mu perezida wa mbere muri Amerika aburanishijwe incuro zibiri ari ku butegetsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG