Uko wahagera

Bombe al-Shabab Yateze mw'Ibarabara Yahitanye Abasirikare 12


Ifoto ngereranyo y'ikindi gitero Al-Shabab yigeze kugaba mw'ibarabara

Bombe yatezwe mw’ibarabara muri Reta ya Galmudug muri Somaliya yahitanye abajejwe gucungera umutekano 12, ikomeretsa babiri. Iyo bombe yatezwe ku murwa mukuru w’iyo Reta, Dhusamareb. Ni ku birometero 510 uvuye ku murwa mukuru Mogadishu.

Umukuru w’urwego rujejwe iperereza muri ico gisagara, Majoro Abdirashid Abdinur Qoje, ari mu baguye muri uwo mutego. Intagondwa z’aba al-Shabab ziyitiriye ico gitero kigize ica kabiri mu rukurikirane y’ivyo izo mpande zagabanyeko mu minsi itatu iheze: Ku wa gatanu, abasirikare ba reta bishe aba al-Shabab indwi.

Reta Zunze Ubumwe z’Amerika mu kwezi guheze zaratahukanye abasirikare bazo nka bose bari mu bikorwa vyo kugarukana amahoro muri Somaliya. Batahukanywe kw’itegeko rya Donald Trump yari perezida ico gihe. Naho abo basirikare batahukanywe, Amerika yabandanije gukora ibitero ku birindiro vy’aba al-Shabab yifashishije indege za gisirikare. Nta gitero na kimwe ariko ico gihugu kirakora kuva Joe Biden ashikira ubutegetsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG