Uko wahagera

Bamwe mu Barepublikane Bavuye mu Mugambwe Kubera "Inyifato" ya Trump


Abahoze ari abategetsi muri reta ya Prezida George W. Bush batari bake bavuye mu mugambwe w'abarepublikani ngo kuko wahindutse agatsiko ka Trump.

Abo bategetsi baratangajwe no kubona Abarepublikani batari bake bagumye bashigikiye Trump n’inyuma y’amakuru yiwe y’ibinyoma ko amatora yibwe. Ivyo binyoma vyaratumye abamushigikiye bakora igitero cihaye inkumbi mu nyubakwa y’inama nshingamateka mu kwezi guheze.

Abo bategetsi, bamwe muri bo bari bajejwe amabanga akomeye muri reta ya Prezida Bush, batangaje ko bari bafise icizere ko ugutsindwa kwa Trump kwari gutuma abayobozi b’umugambwe w’Abarepublikani bitandukanya nawe, bakanabeshuza ivyo yatangaje ko amatora y’umukuru w’igihugu yabaye mu kwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka uheze, yibwe.

Yamara kubera benshi mu bashingamateka b’Abarepublikani bagumye bamushigikiye, abo bategetsi bamenyesheje ko bataciyumva mu mugambwe bakoreye.

Bamwe muri bo bahagaritse kuba abanywanyi b’uwo mugambwe, abandi bariko bareka ko ikiringo cabo c’ukuba abanywanyi b’uwo mugambwe kirangira, mu gihe bakeyi muri bo biyandikishije kuba abigenga mu vya politike.Yamara hari bamwe biyemeje kuwugumamwo kugira bawirukanemwo abashigikiye Trump.

Kuba abo barepublikani bavuye mu mugambwe wabo, benshi bakoreye ubuzima bwabo bwose, ni ikindi kimenyetso c’ukuntu ukutumvikana mu mugambwe ku vyerekeye Trump kuriko gutera kwiyongera, kandi ko uyo mugambwe uriko ucikamwo imice.

Ku bw’abakwirikirana ibintu hafi, umugambwe w’abarepublikani uzogira ibibazo ku bijanye no gutsinda amatora mu gihugu bivuye gishika gike kiri muri bamwe mu banywanyi bawo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG