Uko wahagera

Prezida wa Afuganistani, Visi Prezida n’Abandi Bategetsi Bahunze


Prezida wa Afuganistani Ashraf Ghani ahitwa Mazar-i-Sharif. Ino foto yafashwe igenekerezo rya 11 uku kwezi aho yari yagiye kuraba uko umutekano muri ako gace wifashe.
Prezida wa Afuganistani Ashraf Ghani ahitwa Mazar-i-Sharif. Ino foto yafashwe igenekerezo rya 11 uku kwezi aho yari yagiye kuraba uko umutekano muri ako gace wifashe.

Prezida wa Afuganistani, Ashraf Ghani, visi prezida wiwe n’abandi bategetsi bo hejuru bavuye mu gihugu. Zimwe mu ndongozi z’abarwanyi b’abatalibani nazo zashitse ku ngoro y’umukuru w’igihugu i Kabul. Uturere twose dukomakomeye muri Afuganistani turimwo umurwa mukuru Kabul ubu tugenzurwa n’abatalibani.

Umuvugizi w’abatalibani Zabihullah Mujahid aya makuru yayemeje avuga ko abatalibani ubu ari bo bariko bacungera umutekano w’igihugu mu ntumbero yo kurinda akajagari inyuma yaho “ Abasirikare b’igihugu bataye ibirindiro vyabo.” Mujahid yasavye abanyagihugu gutekana, abasigurira ko ivyakozwe vyose vyakozwe mu ntumbero yo gucungera umutekano wabo.

Ntaco Prezida Ashraf Ghani kugera ino saha aratangaza ku vyerekeye ukuva kwiwe mu gihugu. Gusa, mw’ijambo yashikirije abanyagihugu ejo ku wa gatandatu yari yababwiye ko ari mu mishikirano n’aberwa n'ikibazo ca Afuganistani haba mu makungu canke mu gihugu.

Umuvugizi w’abatalibani yemeje amakuru y’“uguhunga” kwa Prezida Ashraf Ghani agira ati: “Numvise ko uwahoze ari prezida yavuye mu gihugu asiga abanyagihugu mu kaga. Imana izobimubaza.” Gushika ino saha igihugu Ashraf Ghani n’abategetsi bakomakomeye bari kumwe muri Reta bagiyemwo ntikiramenyekana.

Mu butumwa umushikiranganji wo kwivuna abansi muri Afuganistani yacishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter we yanditse ati: “Batuboheye amaboko i mugongo, badandaza igihugu cacu”. Abasesanguye bavuze ko abo uwo mutegetsi yavuga akaba yise abanyamafaranga barimwo Ashraf Ghani na ba soma mbike biwe.

Abatalibani mu biganiro vyabo bakomeje kwumvikana bavuga ko badakeneye ko Prezida, Ashraf Ghani, agira uruhara na rumwe mu guhererekanya ubutegetsi. Basigura ko ari prezida yagiyeho binyuranye n’amategeko. Isoko ry’Ijwi ry’Amerika muri ino dosiye ryaribwiye ko ubutegetsi buzohererekanirizwa i Doha muri Qatar.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG