Uko wahagera

Abatalibani Bemeje ko Binjiye ku Murwa Mukuru wa Pakistani


Bamwe mu Batalibani
Bamwe mu Batalibani

Abatalibani batangaje ko binjiye ku murwa mukuru wa Afuganistani, Kabul, bakavuga ko ubu ico barindiriye ari uguhererekanya ubutegetsi mu mahoro na Reta.

Isoko ry’Ijwi ry’Amerika mu batalibani ryaribwiye ko Prezida Ashraf Ghani yemeye gutanga imihoho. Iryo soko ryizewe ryabandanije gusigura ko bamwe mu bategetsi ba Afuganistani bahava bafata urugendo rubashikana ku murwa mukuru wa Qatar I Doha, ahazobera uguhererekanya ubutegetsi. Kugera ino saha, ntaco Reta ya Afuganistani iravuga kuri ano makuru yose.

Mu gatondo ko kuri uno wa Mungu, abatalibani bigaruriye igisagara ca Jalalabad c’intara ya Nangarhar. Iki gisagara ni co conyene mu bikomeye bitari ku murwa mukuru Kabul cari gisigaye mu minwe ya Reta. Ayandi makuru ava muri Afuganistani avuga ko ingabo za Reta zakinjuye ku bushake bwazo mu burere bundi burimwo ubwegukira intara ya Nangarhar ihana urubibe na Pakistani.

Hagati aho, Reta Zunze Ubumwe z’Amerika zarungitse ingabo ziharurwa mu 1000 zija gufasha gutahukana abakozi ba ambasade zayo i Kabul. Aba basirikare biyongereye ku bandi 3000 bari barungitswe mu ndwi iheze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG