Abategetsi ba Afuganistani n’abarwanyi b’abatalibani bahakanye amakuru avuga ko abatalibani bigaruriye umurwa mukuru w’ico gihugu, Kabul, n’ayandi avuga ko boba banahagavye igitero. Naho biri uko, hari ababandanya kwemeza ko amakuru yo kwizera bavana muri Reta n’abavyiboneye yemanga ko abatalibani binjiye uwo murwa mukuru.
Ijwi ry’Amerika I Kabul ico ryashoboye kwibonera ni uko ubwoba mw’ibarabara bwari bwinshi igihe aya makuru yatangura gutangazwa. Umwe mu bamenyeshamakuru b’Ijwi ry’Amerika I Kabul yari ahakorera ibiro bijejwe gutanga impapuro z’inzira (Passeport), hama abari muri ivyo biro bose baza guhabwa itegeko ryo kwihuta bagataha. Uwo mumenyeshanakuru abandanya avuga ko mw’ibarabara imiduga y’abacanacanakao baja mu mihana yabo yari myinshi cane.
Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu muri Afuganistani mu butumwa bwa videwo bwo guhumuriza yarungitse, yavuze ko Kabul itekanye, asaba abanyagihugu kwima amatwi ico yise ibihuha. Muri ubwo butumwa, Satar Mirzakwal yagize ati: “ Ubutegetsi tuzobuhererekana n’abatalibani biciye mu mahoro n’amasezerano.”
Ku ruhande rw’abatalibani, uwubavugira yasiguye ko abarwanyi babo bahawe itegeko ryo kuguma ku marembo ya Kabul atawe babwiye kwinjira imbere muri ico gisagara. Uwundi mutegetsi nawe w’abatalibani yabwiye itororokanirizo ry’amakuru y’abongereza, Reuters, ati: “ Ntitwipfuza ko hari inzirakarengane y’umusivile n’umwe yokomerekera canke akagwa muri uku kwifatira mu minwe ibintu! Ariko ibi ntibisigura ko twashize ibirwanisho hasi.”
Amwe mu makuru ari muri ino nkuru, Ijwi ry’Amerika riyakesha itororokanirizo ry’amakuru y’abanyamerika, AP, n’iy’abongereza, Reuters
Facebook Forum