Uko wahagera

Amerika mu Kurungika Abasirikare 3000 Gutahukana Abakozi ba Ambasade i Kabul


Abasirikare ba Amerika ku rwinjiriro rwa Ambasade ya Amerika i Kabul, muri Afuganistani
Abasirikare ba Amerika ku rwinjiriro rwa Ambasade ya Amerika i Kabul, muri Afuganistani

Reta zunze ubumwe za Amerika yavuze kuri uyu wa kane ko izorungika abasirikare 3000 gukura abakozi ba ambasade yayo i Kabul ku murwa mukuru wa Afuganistani. Ni mu gihe Abatalibani barushiriza kwagura akarere mu gufata ica gatatu c’imigwa mukuru y’intara mu ndwi imwe.

Iri tangazo rishikirijwe inyuma y’amasaha make abasirikare ba Afuganistani bahunze igisagara ca Herat kigira gatatu mu bunini, gifashwe n’abatalibani.

Reta ya Afuganistani yaratakaje igice kinini c’uburaruko, ubumanuko n’uburengero bw’igihugu mu ndwi iheze, ubu ishize umutima ku murwa mukuru Kabul hamwe no ku bindi bisagara bigisigaye mu gihe umwansi arushiriza kwegereza.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire muri Amerika, Ned Price, yavuze ko bariko baragabanya abakozi b’abasivile ku murwa mukuru Kabul kuko ubwoba bwo gufata Kabul burushiriza bwiyongera. Ariko avuga ko ambasade izoguma yuguruye.

Price yongeyeko ko Amerika yatanguye kurungika indege buri musi zo gutora abanyafuganistani bafashije gusobanurira abasirikare ba Amerika mu ndimi hamwe n’abandi banyamerika bafise ubwoba ku mutekano wabo. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG