Uko wahagera

Uburaya Bugabisha Kuzokumira Ubutegetsi bw'Abatalibani


Umutegetsi mukuru ajejwe imigenderanire mu muryango w’ubumwe bwa Buraya, Josep Borrell ku cicaco c'ubumwe bwa Buraya i Buruseli, kw'itariki ya 12/07/2021
Umutegetsi mukuru ajejwe imigenderanire mu muryango w’ubumwe bwa Buraya, Josep Borrell ku cicaco c'ubumwe bwa Buraya i Buruseli, kw'itariki ya 12/07/2021

Ishirahamwe rya Buraya kuri uyu wa kane ryabagabishije ko bazokumirwa n’amakungu mu gihe Abatalibani bohirahira bakazofata ubutegetsi biciye ku nguvu za gisirikare muri Afuganistani.

Umutegetsi mukuru ajejwe imigenderanire mu muryango w’ubumwe bwa Buraya, Josep Borrell, yavuze ko Abatalibani bazokumirwa, batazokwemerwa kandi batazoshigikirwa n’amakungu. Borrel avuga ko Uburayi bwo bwipfuza kubandanya bukorana kandi bushigikira abanyagihugu ba Afuganistani.

Ariko aragabisha ko uko gufasha kutazoba kiretse abapfa ubutegetsi muri ico gihugu bumvikanye bagasangira ubutegetsi mu mahoro kandi hakubahirizwa uburenganzira bw’abanyafuganistani bose, harimwo n’abagore, urwaruka hamwe n’inkehwa.

Ubumwe bwa Buraya buhamagarira guhagarika intambara kandi Abatalibani bagasabwa gusubira mu biganiro vy’amahoro na reta ya Afuganistani.

Ibi abanyaburaya babishikirije inyuma y’aho inteko za Afuganistani zihungiye igisagara kigira gatatu mu bunini ca Herat. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG