Uko wahagera

Afuganistani Yaremeye Gusangira Ubutegetsi n'Abatalibani


Igisagara ca Ghazni cari cimaze imisi ciberamo imirwano.

Abategetsi b'igihugu ca Afuganistani bemeye gusangira ubutegetsi n'abatalibani kugira bihagarike uruhagarara n'ubwicanyi. Amakuru aturutse mu bari mu biganiro baserukira reta avuga ko bashikirije ico ciyumviro igihugu ca Qatar kiriko gihuza izo mpande zibiri.

Abatalibani bafashe igisagara gikomeye ca Ghazni uno musi ku wa kane. Kiri ku bilometero 150 uvuye ku murwa mukuru, Kabul. Ni intsinzi ikomeye cane kuri bo, kuko bamaze kwigarurira imirwa mikuru y’intara 10 mu ndwi imwe.

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati bwemeje ko igisagara ca Ghazni cafashwe n’abatalibani. Kiri kw’ibarabara rikomeye rihuza umurwa mukuru Kabul n’igisagara ca Kandahar. Iryo barabara rihuza kandi umurwa mukuru n’ibice vyiziziwe n’abatalibani mu bumanuko bw’igihugu.

Ingwano yariyongeye bikomeye muri Afuganistani kuva mu kwezi kwa mbere, mu gihe bitegekanijwe ko intambwe ya nyuma y’igikorwa c’ugukura inteko ziyobowe na Amerika muri ico gihugu kizorangira mu mpera z’uku kwezi. Ni inyuma y’imyaka 20 zari zihamaze.

Gutakaza igisagara ca Ghazni bizogira ingaruka zikomeye kuri reta mu rugamba rwayo rwo kurwanya abatalibani. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG