Leta y’Ubufransa uyu munsi yatangaje ko mu ndwi iheze yahagaritse kwirukana abanyafuganistani mu gihe umutekano uriko utera umera nabi kurushiriza mu gihugu cabo.
Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati butangaza ko umugambi wo kwirukana abimukira baturuka muri Afuganistani wari washizwe mu bikorwa kuva mu ntango z’ukwezi kw’indwi. Kubihagarika bibaye inyuma yuko Ubudagi n’Ubuholande bitangaje ingingo nk’iyo.
Ubudagi n’Ubuholande vyatangaje ku musi wa gatatu ko vyahagaritse gutahukana ku nguvu abanyafuganistani kubera umutekano uriko utera uyanzara mu gihugu cabo. Iyo ngingo itandukanye bikomeye n’aho ivyo bihugu vyari bihagaze imbere yaho.
Mu mwaka w’i 2020 abanyafuganistani ni bo bari benshi cane mu basavye ubuhungiro mu gihugu c’Ubufransa. Ni ukuvuga abantu 8886.
Afuganistani yari yasavye umuryango w’ubumwe bw’i Bulaya mu kwezi kw’indwi kw’uyu mwaka guhagarika kwirukana abimukira b’abanyafuganistani mu kiringo c’amezi atatu mu gihe inteko zijejwe umutekano ziriko zitana mu mitwe n’abatalibani.(AFP)
Facebook Forum