Uko wahagera

FMI Yemereye Uburundi Imiliyoni Zirenga Indwi zo Kurwanya COVID-19


Mitsuhiro Furusawa, icegera c’umuyobozi w’urwego nshingwabikorwa rw’ikigega mpuzamamungu c'ubutunzi
Mitsuhiro Furusawa, icegera c’umuyobozi w’urwego nshingwabikorwa rw’ikigega mpuzamamungu c'ubutunzi

Ikigega mpuzamakungu c'ubutunzi, FMI, cemeje imiliyoni indwi n'ibihumbi amajana atandatu y'amadolari agenewe gufasha kurwanya ikiza c'umugera wa Corona mu Burundi.

Ico kigega camenyesheje ko ayo mafaranga azofasha mu kiringo c’amezi atatu. Akazoshobora kwongerezwa gushika kuri hafi y’imiliyoni 25 y’amadolari mu kiringo c’amezi 21 mu gihe ayo mafaranga yaboneka.

Ikigega mpuzamakungu c'ubutunzi kimenyesha ko guhebera amadeni ibihugu bigifitiye bizotuma haboneka amafaranga akenewe mu gisata c’amagara y’abantu harimwo n’ayandi mafaranga akenewe gukoreshwa vyihutirwa hamwe n’ayakenewe gufasha guhangana n’ingaruka z’ikiza c’umugera wa Corona.

Mitsuhiro Furusawa, icegera c’umuyobozi w’urwego nshingwabikorwa rw'ikigega mpuzamakungu c'ubutunzi amenyesha ko ikiza ca Covid-19 cagize ingaruka zikomeye ku butunzi bw’Uburundi, mu vyatumye ico gihugu gikenera imfashanyo zivuye hanze.

Amenyesha ko abategetsi b’Uburundi bashize mu bikorwa ingingo zigenewe gukomeza igisata c’ubuvuzi n’ukworohereza abarwayi ku bijanye n’ukwivuza. Avuga ko kubera ivyo, ikigega FMI kizofasha muri utwo twigoro cane cane ku bijanye n’ikiza c’umugera wa Corona.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG