Uko wahagera

Uburundi na Tanzaniya Ntivyitabiriye Inama ya EAC ku vya COVID-19


Kuri uyu wa kabiri, Abakuru b’ibihugu bigize akarere ka Afrika y’Ubuseruko EAC bagize inama ku buhinga bwa none bwa Video Conference. Ni inama idasanzwe yo kwigira hamwe ingene borwaniriza hamwe ikiza c’umugera wa Corona kimaze gufata abantu barenga 1700 mu bihugu 6 bigize uwo muryango.

Abakuru b’ibihugu vy’Uburundi na Tanzania ntibitavye iyo nama yari irongowe na perezida Paul Kagame w’u Rwanda, kandi nta n'intumwa barungitse.

Inama y’abakuru b’ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko EAC, ititabwe n’aba Perezida b’Uburundi na Tanzaniya yari imaze gusiba akarenga kabiri. Ico gihe, bose bari biyemeje ko bazokwitaba iyikurikira.

Ni inama idasanzwe yiga ikibazo kimwe gusa gihanze akarere n’isi muri rusangi ari co kiza c’umugera wa Corona. Yabaye ku buhinga bw’ingurukanabumenyi bw’amasanamu bita Vidéo conférence.

Abakuru b’ibihugu 4 ni bo bitavye iyo nama. Uw’ U Rwanda, Paul Kagame, ari na we atwara EAC akaba ari we yari arongoye iyo nama, uwa Kenya Uhuru Kenyatta, uw’Ubuganda Yoweri Museveni, n’uwa Sudani y’epfo Salva Kiir.

Perezida Paul Kagame yabanje kubacira ku mayange ingene ico kiza cifashe mu karere. Uwo mugera wari umaze gufata abantu barenga 1700, muri EAC igihe twategura iyi nkuru n’abagera kuri 54 bamaze kwitaba Imana.

Yashimiye abashikiranganji bajejwe amagara y’abantu n’abajejwe ubutunzi n’ubudandaji ingene badasiba gufata ingingo zo kurwanya ico kiza n’ingaruka mbi cotera mu karere cane cane inzara mu gihe ibidandazwa bitokworoherezwa ngo birengane ukuri kwamye.

Abakuru b’ibihugu 4 bashimiye umuryango wa EAC umaze gutanga ibikoresho birimwo ivyuma n’imodokari za Laboratoire ngendanwa (Laboratoire Mobile) kugira zifashe gupima abarwayi benshi kandi mu mwanya muto.

Biyemeje ko babwirizwa gusenyera ku mugozi umwe mu kurwanya ico kiza ruhonyanga kuko bimaze kuboneka ko igihugu kimwe kigemurira ikindi iyo ngwara cane cane biciye mu bashoferi b’amakamyo atwara imizigo y’ibiribwa.

Ikindi bashimangiye n’uko hatogira igihugu kinyegeza amakuru ku vyerekeye iyo ngwara ku mvo iyari yo yose. Ku bwabo, hagize abanyegeza ko ico kiza kihari canke bakavuga ko kimaze gufata bake, vyotuma umugambi wo kurwaniriza hamwe Covid-19 ataco ushikako.

N’aho ivyo bihugu bitadomweko urutoke, ibihugu vyagirizwa kutavugisha ukuri ni Uburundi na Tanzaniya, bititavye mbere iyo nama.

Perezida Kagame, yagarutse ku ntege nke ziri mu gufataniriza hamwe mu kurwanya ico kzia muri EAC. Hari mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru mu ndwi zibiri ziheze.

Ati hano muri EAC, ugusenyera ku mugozi umwe, ubu rero ni ngombwa kurusha ikindi gihe cose kuko turi mu kaga. Akarorero ni abashoferi bambuka imipaka, bazana ibidandazwa, bukeye bagasubira inyuma, bakanongera bakagaruka, gutyo. Ni muri abo habonekamwo umugera mbere.

Tubwirizwa kwibagira ibindi vyose tugafashanya mu kurwanya iki kiza. Nta gihugu na kimwe gishobora kwifasha uru rugamba. Ni yo mpamvu mvuga ko ari ngombwa.

Dushobora kunanirwa gukorera hamwe, dushobora gucerezwa, dushobora kuvyigiza inyuma ariko ndasubiyemwo impera n’imperuka tubwirizwa gukorera hamwe. Tubwirizwa kuronka inzira yo gukorera hamwe. Ego nivyo hari inzitizi nyinshi, tubwirizwa kurengera, ku nyungu z’abanyagihugu.

Kuri ico, bafashe ingingo ko hajaho vuba umugwi uhuriweko n’ibihugu vyose vya EAC upima ukongera ugasuzuma abashoferi imbere y’uko bafata ingendo zambukiranya imipaka batwaye ibidandazwa cane cane imiti n’ibiribwa.

Hari ibisata abo bakuru b’ibihugu basanze bimaze kubangamirwa n’ingaruka mbi zituruka kuri Covid-19 nk’ubutunzi, ukubaho kw’abanyagihugu, ubudandaji, amahinguriro, ibisata vy’amahoteli na ba mukerarugendo, hamwe n’imigambi ihambaye yahagaze mu bihugu bitandukanye vya EAC.

Gusa, basanga nk’amahinguriro akora ibikoresho vyo kwa muganga, udukoresho two gufuka umunwa, ibikoresho vy’isuku, ibiribwa yokoroherezwa cane mu kazi kayo.

Basavye ko mu bihugu bitandukanye hobaho ibigega vyo gufasha abadandaza kwisununura kugira ubutunzi bw’ibihugu n’amahinguriro mato mato ntahombe ngo azimangane burundu.

Itangazo ry’ivyavuye muri iyo nama idasanzwe yo guhanahana ivyiyumviro, ryerekana ko abakuru b’ibihugu Uhuru Kenyatta, Yoweri Museveni na Salva Kiir bashimiye Perezida w’u Rwanda Paul Kagame yabahurije hamwe.

Ico bikoze, itangazo ntaco rivuga ku bakuru b’ibihugu Petero Nkurunziza w’Uburundi na John Pombe Magufuli wa Tanzaniya batitavye iyo nama.

Ivyo bifatwa nk’ibifata minenegwe umugera wa Corona. Muri Tanzaniya mbere, abashingamateka b’umugambwe Chadema ukomeye mu yitavuga rumwe na Reta baranse gusubira kwitaba ibikorwa vyabo.

Basiguye ko badashobora kwemera ko Reta y’igihugu cabo ikora ico bise kwica abantu kabiri kuko yankiye umushikirangani w’amagara y’abantu gutangaza ibitigiri nyavyo vy’abarwaye n’abapfuye bishwe na Covid-19.

Abo bashingamateka basiguye ko ibitigiri nyavyo biruta kure niyo ibitangwa. No mu Burundi ni nk’uko. Abatavuga rumwe na Reta n’amashirahamwe yigenga bagiriza Reta gufata minenerwe ico kibazo ku nyungu z’amatora azoba ku ndwi iza.

Kuri uyu munsi w’inama ya EAC, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yari yaherekeje umukandida w’umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi mu myiyamamazo mu Rumonge.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG