Abatalibani bavuga ko umwanya n'umwanya bashinga Reta nshasha “irimwo bose". Umuvugizi w’abatalibani, Suhail Shaheen, yemeje ano makuru avuga ko ibiganiro vyo gushinga Reta yise ya Kisilamu ihurikiyemwo bose bisa nk’ivyaheze.
Abategetsi b’abatalibani mu bo bariko bagirana ibiganiro bavuze ko bitoroshe, harimwo imirwi yindi abatalibani bise “ abakeba” hamwe n’ intumwa idasanzwe y’Amerika mu vy’amahoro, Zalmay Khalilzad. Ibiganiro biriko bibera ku murwa mukuru wa Doha i Qatar, ahafatwa nk’icicaro ca Politike c’abatalibani.
Suhail Shaheen avugira abatalibani yabwiye Ijwi ry’Amerika i Qatar ati: “ Mu misi mike cane, ubutegetsi burahererekanwa biciye mu mahoro. Vuba turatangaza Reta nshasha”.
Amakungu arimwo Reta zunze Ubumwe z’Amerika yaramaze kugabisha ko atazokwemera Reta izofata ubutegetsi bwa Afuganistani ku nguvu. Impungenge ahanini z’amakungu zishingiye ku bwoba bw’uko intwaro y’abarwanyi b’abatalibani izohava isongera isibe mu gisata c’umutekano gisanzwe kigeze habi muri ico gihugu, ikongera igasinzikaza agateka ka zina muntu.
Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, ejo ku wa mbere yasavye abatalibani gufata nk’irigi vy’umwihariko agateka k’abapfasoni n’abakobwa kariko karatera imbere. Kera ku ntwaro yabo, abapfasoni bari baracinyijwe bakwa uburenganzira burimwo ubwo kwiga no gukora.
Umuvugizi w’abatalibani yanse gutomora niba muri Reta nshasha bazoshiramwo abagore, asigura muri make ko bazogumana uburenganzira bwo gukora no kwiga ariko bitwikiriye ibihimba vy’umubiri vyabo nka vyose. Yongeyeko ko ico yokwizeza ari uko batazokwisangiza ubutegetsi kuko babonye ko ataho bishikana igihugu.
Suhail Shaheen avugira abatalibani ikindi yavuze, ni uko batanze ikigongwe c’ikivunga ku bantu bose barimwo n’abakorera Reta yatembagaye ku wa Mungu, gutyo abasaba gusubira ku kazi bidatevye.
Abanyagihugu baba ku murwa mukuru Kabul mu gihe bavuga ko ubuzima buriko busa n’ubugaruka bukebuke, abatalibani bakoze ingendo mu biro bitandukanye vya Reta n’amavuriro aho bagenda barahumuriza abapfasoni bakorera mu bisata bitandukanye bababwira ko bogumya umutima. Hari yamara amakuru ava mu turere dutandukanye yemeza ko hari abapfasoni boba bahohotewe n’abatalibani. Ibi, Shasheen abavugira yavyamiriye kure avuga ko ari abashaka kubacafuza bababeshera.
Facebook Forum