Uko wahagera

Guterres Asaba Abatalibani Gukingira Ubuzima bw'Abanyefuganistani


Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres
Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres yavuze kuri uyu wa mbere ko isi iriko ikurikiranira hafi ibibera Afganistani muri ibi bihe vy’impinduka mu butegetsi. Asaba Abatalibani kwiyubara bagakingira ubuzima bw’abanyagihugu hatibagiwe no kureka imfashanyo zigashikira abazikeneye.

Mu nama y’akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano kw’isi yatumweko gihutihuti, Guterres yavuze ko Abanyafuganistani badakwiye gutererekanwa. Ni inyuma y’aho reta ya Prezida Ashraf Ghani itereye ikomoka, ihunga igihugu gisanzwe mu kaga.

Abantu hafi imiriyoni 18, n’ukuvuga ica kabiri c’abanyagihugu bose bari babeshejweho n’imfashanyo imbere y’uko ubutegetsi buhinduka. Ubwoba bw’uko ibijanye n’ukubaho nabi kw’abantu kugiye kwunyuka, bwiyongereye kurusha.

Guterres asaba Abatalibani gukingira uburenganzira bw’abakenyezi n’abakobwa muri Afuganistani. Yagabishije kandi ko ico gihugu kitosubira kwizizirwa no guha indaro abakora iterabwoba.

Mw’itangazo ryasohowe n’ibihugu 15 bigize akanama ka ONU kajejwe umutekano, basavye ko intambara zihagarara vuba bwango kandi hagashingwa reta y’ubumwe, atawe ikumira kandi igwiriyemwo n’abakenyezi. (VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG