Uko wahagera

Prezida Biden Arisigura ku Ngingo yo Kuva muri Afuganistani


Prezida Joe Biden ashikiriza ijambo kuri Afuganistani muri White House, kw'itariki ya 16/08/2021
Prezida Joe Biden ashikiriza ijambo kuri Afuganistani muri White House, kw'itariki ya 16/08/2021

Prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden yavuze ko agihagaze ku ngingo yafashe yo gukura abasirikare ba Amerika bari muri Afuganistani naho Abatalibani bigaruriye ubutegetsi bw’igihugu.

Mw’ijambo yashikirije kuri uyu wa mbere ari muri ku ngoro “White House”, Prezida Biden yavuze ko Amerika yari yagiye kurwanya iterabwoba ariko ryaruhiye gukwira no mu bindi bihugu. Yemeye ko intsinzi y’Abatalibani yanyarutse kuruta uko bavyibaza, ariko ko Amerika itari kuguma irwana mu gihe abasirikare ba Afganistani ata shaka bariko barerekana muri iyo ntambara.

Mu gihe Inteko za Amerika zimaze hafi imyaka 20 muri Afuganistani ku butegetsi bw’abaprezida bane ba Amerika bagiye bakurakuranwa. Biden yavuze ko ata muprezida agira gatanu akwiye kuza, abo basirikare bakiriyo. (AP, VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG