Muri Afuganistani, Prezida wa Afuganistani Ashraf Ghani yavuze ko yahunze igihugu kuri uyu w’Imana kugira akinge ntihaseseke amaraso.
Amakuru yavuye mu bategetsi bakuru batatu b’Abatalibani yahawe itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP, yavuze ko Abatalibani bigarurire ikirimba c’umukuru w’igihugu kandi batunganije n’inama y’umutekano ku murwa mukuru.
Ghani yavuze ko iyo agumayo igisagara cari gusamburwa.
Mw’ijambo yashikirije aciye ku rubuga Facebook, Prezida Ghani yagize ati: "Abatalibani batsinze, igisigaye ari ukumenya nimba bazokingira izina no kwubaha kandi bakubahiriza igihugu canke nimba bazohitamwo izindi nzira.
Prezida Ghani ntiyavuze aho yahungiye, ariko ibimenyeshamakuru muri Afganistani vyikeka ko yagiye mu gihugu kibanyi ca Tajikistani.
Abdullah Abdullah, arongoye ibiganiro vy’amahoro kuri Afuganistani, yavuze ko Perezida Ghani yataye abanyagihugu biwe abasiga mu kaga.
Mu gihe Abatalibani batangaza intsinzi, abategetsi ba Reta zunze ubumwe za Amerika bavuga ko inteko za Amerika ari zo zikigenzura ambasade ya Amerika hamwe n’ikibuga c’indege mpuzamakungu c’i Kabul citiriwe Hamid Karzai. Ni inyuma y’aho Abatalibani batangarije ko bigaruriye umurwa mukuru Kabul kuri uyu w’Imana.
Abasirikare 3000 ba Amerika batanguye gushika i Kabul ku musi wa gatanu. Ku wa gatandatu, Prezida Joe Biden yaratanze uburenganzira bwo kurungikayo abandi 1000 biyongereye kuri abo.
Umutegetsi wo muri ambasade yemereye Ijwi rya Amerika ko abakozi ba ambasade bashizwe mu kibanza gitekanye kiri ku kibuga c’indege, mu kurindira ko bakurwa muri Afuganistani.
Ariko mu nyuma hari amakuru yavuye muri ambasade yagabisha ko ibintu vyahindutse bukwi na bukwi, kandi ko abanyamerika bari i Kabul binyegeje, inyuma y’amakuru yavuga ko ikibuga c’indege kiriko kirasha.
Inteko za OTAN kuri uyu w’Imana zavuze ko ziriko zirakora ibishoboka mu gufasha aho ku kibuga c’indege.
Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire n’amakungu, Antony Blinken, kuri uyu w’Imana yavuze ko umutekano w’abakozi ba Amerika, hamwe n’abenegihugu ba Afganistani babafashije, arico gikorwa ciwe ca mbere. Ariko yamiriye kure abanegura Amerika ko itari yiteguriye ko igisirikare ca Afganistani cari kwomoka, kigahunga. (VOA)
Facebook Forum