Uko wahagera

Amakungu Abandanya Kuvana Abanyagihugu Bayo muri Afuganistani


Zimwe mu ndege ku kibuga c'indege c'i Kabul
Zimwe mu ndege ku kibuga c'indege c'i Kabul

Indege zitahukana abatandukanye muri Afuganistani zongeye gukora ingendo ku kibuga c’indege co ku murwa mukuru, Kabul. Stephano Pontecorvo atwara igisata gikingira abasivile mw’ishirahamwe OTAN muri Afuganistani, mu mafoto yacishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter yerekanye indege zegukira igisirikare ca Reta Zunze Ubumwe z’Amerika avuga ko yabonye iz'ururuka N'iziguruka.

Ku ruhande rw’Ubufaransa, umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi, Florence Parly, yavuze ko indege ya gisirikare yabwo ya mbere yatahukanye abanyagihugu babwo yaraye ishitse muri Emirates Zunze Ubumwe z’Abarabu. Uwo mutegetsi yabandanije avuga ko Ubufaransa buriko buritegura kurungika indege ya kabiri. Ubuhindi nabwo bwatahukanye abakozi bose bakorera ubuserukizi bw’ico gihugu ku murwa mukuru wa Afuganistani, Kabul, abadiplomate batandukanye n’abandi banyagihugu babwo.

Uruja n’uruza rw’indege zitahukana abatandukanye zibavana muri Afugansitani rwongeye gusubira inyuma y’aho ejo ku wa mbere ikibuga c’indege co ku murwa mukuru Kabul ciriwemwo akajagari katewe n’abanyagihugu hamwe n’abadiplomate bagerageje kurira indege z’Amerika ku nguvu ngo zibahungane.

John Kirby ajejwe gutanga amakuru mu biro bikuru vya gisirikare aha muri Reta Zunze Ubumwe z’Amerika, Pentagon, yavuze ko n’imiburiburi abantu babiri ari bo baguye muri ako kajagari. Abo babiri bishwe barashwe n’abasirikare b’Amerika kuko bari “gushobora guteza umutekano muke” nkuko Pentagon ibandanya ibisigura.

Umwe mu bategetsi bo muri Reta Zunze Ubumwe z’Amerika yahaye amakuru Ijwi ry’Amerika ariko ntashime ko amazina yiwe atangazwa we yavuze ko abapfuye bagerageza kwurira indege ya gisirikare yegukira Amerika ejo iriko iraguruka ari "abasivile benshi”, kandi ko amatohoza aza yatanguye. Akajagari ku kibuga c'indege gikuru i Kabul kakurikiye ihunga rya Prezida Ashraf Ghani n'abandi bategetsi inyuma yaho abatalibani bigaruriye umurwa mukuru, Kabul ku munsi wa Mungu.

Hagati aho, mw’ijambo rya mbere prezida w’Amerika, Joe Biden, yaraye ashikirije kuva abatalibani bafata Kabul, yasiguye ko ata na kimwe yicuza ku ngingo yiwe yo gutahukana abasirikare b’Amerika. Yagize ati: “Abasirikare bacu ntibashobora kandi ntibanabwirizwa kurwana urugamba bagenzi babo b’Afuganistani batariko bararwanira. Ntibashobora kubandanya barwa muri iyo ngwano”.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG