Uko wahagera

USA Yasavye Uganda Kwakira Impunzi z'Afuganistani 2000


Zimwe mu mpunzi z'Abanyafuganistani
Zimwe mu mpunzi z'Abanyafuganistani

Uganda izokwakira impunzi z'abanyafuganistani 2,000 ibisabwe na Reta zunze ubumwe za Amerika. Uganda yatangaje uno musi ku wa kabiri ko yemeye kwakira vy’agateganyo izo mpunzi zahunze Afuganistani inyuma yuko Abatalibani bafashe ubutegetsi.

Igihugu ca Uganda kiramenyeye kwakira abantu bahunze intambara. Muri iki gihe cakiye impunzi umuliyoni n’ibihumbi amajana ane, nyinshi muri zo zituruka mu gihugu ca Sudani yo mu bumanuko.

Reta ya Amerika yabisavye ku musi wa mbere Prezida Yoweri Museveni, akaba yayihaye uburenganzira bw’ukuzana impunzi 2,000 mu gihugu ciwe. Izo mpunzi zizokwakirwa mu kiringo c’amezi atatu imbere yuko Reta y'Amerika izimurira ahandi.

Ivyerekeye igihe zizotangura gushika muri Uganda ntibitomoye. Albaniya na Kosovo biza navyo nyene vyemeye ivyasabwe na Amerika vy’ukwakira vy’agateganyo impunzi z’abanyafuganistani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG