Abantu bagera ku muliyoni n’ibihumbi amajana umunani na mirongo itanu barasinzikaye muri iki gihe kubera igihuhusi Idai n’inkurikizi zaco mu gihugu ca Mozambike conyene.
Ivyo vyatangajwe uno musi ku wa kabiri n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe ibikorwa vy’ugutabara. Ni mu gihe abakozi b’amashirahamwe y’abagiraneza bariko bagerageza kumenya urugero rw’ivyononekaye n’abageramiwe n’ihiguhusi Idai n’ukumenya imfashanyo yihutirwa bakeneye.
Igihuhusi Idai carasenyuye amazu, gituma imyuzurane ikomeye ikwiragira mu bice bitari bike vya Mozambike. Igihuhusi Idai cashitse ubwa mbere mu gisagara kirimwo ikivuko ca Beira kiri ku nkengera z’ibahari y’Abahindi kw’italiki 14 z’uku kwezi kwa gatatu. Ico gihuhusi cabandanirije mu bihugu vya Zimbabwe na Malawi.
Abantu 686 bavurwa ko bahitanywe n’igihuhusi Idai hamwe n’inkurikizi zaco muri Mozambike, Zimbabwe na Malawi. Ico gitigiri kivurwa ko gishobora kwiyongera kurushiriza. Ni mu gihe abakozi bajejwe gutabara bariko bitegurira ukwiyadukiza kwitezwe kw’indwara nka malariya na kolera.
Igihugu ca Mozambike ni co cageramiwe n’igihuhusi Idai kurushiriza. Amazu ibihumbi n’ibihumbi yarasambuwe mu gihe abantu amajana n’amajana bavanywe mu zabo n’ico gihuhusi mu gice kingana hafi kimwe c'icumi c'Uburundi.
.
Facebook Forum