Uko wahagera

Prezida Nyusi Atangaza ko IDAI Ishobora Guhitana Abarenga 1000


Inzira y'igihuhusi Idai kuva muri Mozambique, Malawi no muri Zimbambwe
Inzira y'igihuhusi Idai kuva muri Mozambique, Malawi no muri Zimbambwe

Prezida w’igihugu ca Mozambique, Filipe Nyusi, yatangaje ko abantu barenga 1000 bashobora kuba bahitanywe n’umuyaga w’igihuhusi uvanze n’imvura y’isegenya wiswe Idai. Ni igihuhusi kitari bwabonywe muri iyi myaka 20 irangiye.

Mw’ijambo yacishije kw’iradiyo y’igihugu uyu musi ku wa mbere, Prezida Nyusi, yavuze ko naho igitigiri c’abantu baguye muri ico kiza kimaze kumenyekana kingana n’abantu 84 gusa muri Mozambique, ico gitigiri kiraja kurenga 1000.

Nyusi yashikirije iryo jambo inyuma y’aho arangirije urugendo yagize na kajugujugu mu kirere co mu gisagara ca Beira hamwe no mu ntara za Manica na Sofala.

Uyo muyaga w’igihuhusi n’iyo mvura y’isegenya vyatanguriye mu gisagara ca Beira mu ndwi iheze, bica bikwiragira mu gihugu hagati imbere yo gushika mu gihugu ca Zimbabwe n’ica Malawi.

Ibiharuro bishikirizwa muri iki gihe bivuga ko abantu 215 bamaze guhitanwa n’Ibiza nk’ivyo muri ivyo bihugu uko ari bitatu. Abandi amajana n’amajana ntibaratorwa. Ibiro mpuzamakungu bijejwe kugarukira ku mbabare, Croix Rouge, bivuga ko abantu barenga umuliyoni n’igice bataye izabo kubera uyo muyaga w’igihuhusi hamwe n’iyo mvura y’isegenya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG