Igihugu ca Mozambique congereje igitigiri c’abantu bahitanywe na ca gihuhusi kivanze n’imvura y’isegenya cagisibije muri Afrika yo mu bumanuko mu misi iheze.
Ico gihuhusi ciswe Idai caranduye igisagara ca Beira kiri ku nkengera y’ibahari, cari gifise ubunyaruke bw’ibirometero 170 kw’isaha. Caciye kibandanya no mu ntara zo mu gihugu hagati imbere y’uko gishika muri Zimbabwe na Malawi, aho amazi y’umurengera yateye inyubakwa akageramira n’ubuzima bw’abanyagihugu.
Umushikiranganji w’igihugu ca Mozambique ajejwe ubutaka n’ibidukikije, Celso Correia, yabwiye abamenyeshamakuru ko igitigiri c’abantu bahitanywe n’ico kiza kimaze gushika ku 446 kivuye ku 416. Yongeye avuga ko abantu ibihumbi 531 bataye izabo kubera ico kiza kandi ko ibihumbi 110 muri bo baba mu makampi.
Ico gihuhusi kivanze n’imvura y’isegenya carahitanye ubuzima bw’abantu amajana n’amajana mu gihugu ca Zimbabwe. Ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu bijejwe abimukira rivuga ko abantu 259 bahitanywe n’ico kiza mu gihe ishirahamwe OCHA ryitaho imbabare rivuga ko abantu bahitanywe n’ico kiza bashika kw’154.
Mu gihugu ca Malawi abantu 56 barahitanywe n’imvura y’isegenya imbere y’uko ico gihuhusi gitangura.
Facebook Forum