Uko wahagera

Mozambike mu Kigandaro c'Abishwe n'Igihuhusi Idai


Umuryango utaburura umwana wabo warengewe n'igitaka catewe n'igihugusi Idai . Aha ni Chimanimani mu birometero 600 uvuye ku murwa mukuru Harare, Zimbabwe, 19, z'ukwa gatatu 2019.
Umuryango utaburura umwana wabo warengewe n'igitaka catewe n'igihugusi Idai . Aha ni Chimanimani mu birometero 600 uvuye ku murwa mukuru Harare, Zimbabwe, 19, z'ukwa gatatu 2019.

Igihugu ca Mozambike catanguye ejo ku musi wa gatatu imisi itatu y’ikigandaro mu gihugu cose ku bantu barenga 200 bahitanywe n’igihuhusi Idai. Ni kimwe mu bihuhusi bikomeye cane vyihaye inkumbi mu karere ko mu bumanuko bwa Afrika. Hari haheze imyaka itari mike igihuhusi nk'ico kitibonekeje.

Mu gihugu ca Zimbabwe gihana urubibe na Mozambike, ibinyamakuru, radiyo na televiziyo vya Reta bitangaza ko igitigiri kimaze kumenyekana c’abahitanywe n’igihuhusi Idai ari 100.

Abahitanywe n’ico gihuhusi hamwe n’ivyononekaye bizomenyekana igihe imyuzurane yatewe n’ico gihuhusi izotangura kugabanuka.

Bizofata imisi itari mike imbere yuko amazi yuzuye ibiyaya muri Mozambike atera aja mw’ibahari Indiyana.

Amashirahamwe y’abagiraneza yagabishije ko amazi yatewe n’ihihuhusi Idai akiriko atera yiyongera.

Abantu bavurwa ko bakiri ku masunzu y’amazu no ku biti kuva igihuhusi Idai kibaye mu mpera z’indwi irangiye.

Ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bijejwe gutabara bimenyesha ko igisagara ca Buzi, kirimwo abantu bagera ku bihumbi 200, gishobora kurengerwa n’amazi.

Abategetsi b’igihugu ca Zimbabwe bavuga ko abantu 350 bashobora kuba bapfuye.

Bimwe mu biziga vy’abahitanywe n’igihuhusi Idai bivuye mu mitumba yo muri Zimbabwe vyatahiye muri Mozambike bitwawe n’amazi y’ico gihuhusi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG