Uko wahagera

Abahitanywe na Idai muri Mozambique na Zimbabwe Bageze ku 647


Imyuzurira yatewe na Idai muri Mozambique
Imyuzurira yatewe na Idai muri Mozambique

Igitigiri c’abahitanywe n’igihuhusi Idai muri Mozambique na Zimbabwe kigeze ku 676. Abajejwe gutabara batangaje ayo makuru basigura ko baravye uko ibikorwa vyo gutabara no kurondera abahitanywe n’ico gihuhusi biriko biragenda ico gitigiri gishobora kuba kirenga kure naho.

Abategetsi muri Mozambique ku ruhande rwabo bemeza ko abahitanywe na Idai ari 417. Mozambique ni co gihugu casinzikajwe n’ico gihuhusi gihitiye mu bihugu bitari bike vyo muri Afrika y’amajepfo.

Abanyagihugu bagera kw’ijana batabawe bavanwa mu karere kitwa Buzi hagati mu gihugu muri Mozambique babwiye abanyamakuru ko naho hari abaronkejwe ubufasha hari abandi bariko baricwa n’inzara na malaria.

Amakuru ataremezwa n’abajejwe igisata c’amagara y’abantu muri Mozambique avuga ko hambavu y’iyo malaria ivugwa n’abanyagihugu na Cholera ishobora kuba yateye.

Itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, rivuga ko muri rusangi abanyagihugu bagera ku miliyoni zibiri ari bo bakeneye imfashanyo vyihuta.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG