Uko wahagera

Igihuhusi Idai Cahitanye Abantu 89 muri Zimbabwe


Akarere ka Chimanimani muri Zimbabwe
Akarere ka Chimanimani muri Zimbabwe

Mu gihugu ca Zimbabwe, abantu bashika 89 barapfuye inyuma y’aho umuyaga w’igihuhusi uvanze n’imvura y’isegenya usamburiye ibice bitari bike vyo mu ntara yo mu bumanuko.

Iyo mvura y’isegenya n’uyo muyaga w’igihuhusi wari ufise umuvuduko w’ibirometero 170 kw’isaha, vyarasambuye ibiraro, amabarabara, hamwe n’amazu vyo mu karere ka Chimanimani. Vyahasambuye kandi uburyo bwo guhanahana amakuru n’ugutanga umuyagankuba.

Abategetsi bo muri ako karere bavuga ko igitigiri c’abantu baguye muri ivyo biza, gishobora kwiyongera.

Abajejwe igikorwa co gutabara barabandanya kugerageza gushikira abanyagihugu aho bahungiye mu misozi kuva kuva musi wa gatanu, inyuma y’aho ingo zabo ziterewe n’amazi y’imyuzure.

Reta ya Zimbabwe yafashe ingingo zo mu bihe bigoye igihugu mu ntara zose zabayemwo ayo makuba. Igihugu ca Zimbabwe gituwe n’abanyagihugu imiliyoni 15, cari gisanzwe kigeramiwe n’uruzuba rw’umurengera, rwatumye ibiterwa vyose vyuma.

Ishirahamwe mpuzamakungu rivuga ko abanyazimbabwe barenga imiyoni 5 bazokenera imfashanyo y’ibifungurwa yihutirwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG