Uko wahagera

Abarenga 150 Barishwe n'Igihuhusi muri Mozambike, Malawi na Zimbabwe


igihuhusi Idai cahitanye abantu muri Mozambike

Abantu barenga 150 barapfuye abandi baharurwa mu majana baraburwa irengero ku musi w’Imana, inyuma y’igihuhusi kivanze n’imvura nyinshi cataziriwe Idai gukuburiye ubumanuko bushira ubuseruko bw’umugabane wa Afrika.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rigereranya ko abantu barenga umuliyoni 1.5 muri Mozambike, Malawi na Zimbabwe bakozweko n’ico gihuhusi.

Ico gihuhusu kivanze n’imvura nyinshi catanguriye mu gisagara ca Beira muri Mozambike ku musi wa kane, mu nyuma gitandukira Malawi na Zimbabwe.

Abakuru b’ibihugu muri Mozambike na Zimbabwe baciriye hagati ingendo barimwo mu makungu, bahitamwo gutahuka guhangana n’ivyononwe n’ico gihuhusi.

Ibisata vya ONU hamwe n’umuryango mpuzamakungu witaho imbabare Croix rouge bariko barafasha mu bikorwa vyo gutabara, batanga imfungurwa, amazi n’imiti hakoreshejwe za kajugukugu.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG