Uko wahagera

NTSB Ntiyemera Amwe mu Matohoza ya Etiyopiya ku Mpanuka ya Boeing 737-MAX mu 2019


Bimwe mu Bisigarira vya
Bimwe mu Bisigarira vya

Abahinga bo muri Reta zunze ubumwe za Amerika bajejwe umutekano mu kirere n'uruja n'uruza rw'indege batangaza ko abahinga bo muri Etiyopiya bariko batohoza icatumye haba isanganya ry'indege itwara abantu ya Etiyopiya Boeing 737-MAX mu mwaka w'i 2019 batashimikiye cane ku kugene abayikorako bari baramenyerejwe n'ibikwirikizwa mu bihe vyihutirwa.

Urwego rujejwe umutekano mu kirere n’uruja n’uruza rw’indege muri Amerika, NTSB, rwatangaje ko rutemera bimwe mu vyavuye muri raporo y’abo bahinga bo muri Etiyopiya.

Impanuka y’iyo ndege yatumye indege zo mu bwoko bwa Boeing 737-MAX ziririrzwa gusubira kugira uruja n’uruza. Indege itwara abantu y’igihugu ca Etiyopiya yo muri ubwo bwoko yagize impanuka inyuma y’uko ihagututse ivuye ku murwa mukuru wa Etiyopiya, Addis Abeba mu kwezi kwa gatatu mu mwaka w’i 2019. Yahitanye abantu bose 157 bari muriyo.

Urwego rujejwe amatohoza yerekeye indege rwo muri Etiyopiya rwashikirije uno musi kuwa gatanu icegeranyo cari catebeshejwe mu kiringo kirekire. Muri ico cegeranyo rushira amakosa ku bibazo bijanye n’ukugene iyo ndege yagize impanuka yari ikozwe. Vyatumye abadereva bayo badashobora kuyitumbereza nk’uko bisanzwe.

Yamara mu vyo urwego rwo muri Amerika rujejwe umutekano mu kirere n’uruja n’uruza rw’indege, NTSB, rwatangaje ko rwasanze bimwe mu bibazo iyo ndege yagize vyatumwe n’uko yagonze inyoni inyuma y’uko ihagurutse. Ni ikintu ruvuga ko abajejwe itohoza b’igihugu ca Etiyopiya bihojeje. Rwabagirije ko bashimikiye ku ruhara ibibazo bijanye n’uburyo iyo ndege yagize isanganya yari yakozwe ku mpanuka yayo mu kwihoza uburyo abayikorako bari bamenyerejwe neza hamwe n’uko bari gushobora kuvyifatamwo neza mu gihe hashitse ibihe vyihutirwa. (REUTERS)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG