Uko wahagera

Boeing Yatangaje Agashumbusho ku Babuze Ababo mu Mpanuka


Abakozi ba Croix Rouge muri Etiyopiya ahabereye isanganya y'indege hafi y'igisagara ca Bishoftu, mu bumanuko bwa Addis Abeba, kw'itariki 12/03/2019
Abakozi ba Croix Rouge muri Etiyopiya ahabereye isanganya y'indege hafi y'igisagara ca Bishoftu, mu bumanuko bwa Addis Abeba, kw'itariki 12/03/2019

Imiryango y’abantu 346 bapfiriye mu ndege zibiri zo mu bwoko bwa Boeing 737 Max bazoronswa umwe umwe hafi amadolari y’abanyamerika 145,000 azotangwa na Kompanyi y’indege Boeing yo muri Reta zunze ubumwe z'Amerika.

Boeing yategekanije imiliyoni 50 z’amadolari yo gushumbusha imiryango yaburiye ababo mu masanganya y’indege za Indoneziya na Etiyopiya.

Boeing yashikirije ko n’imiryango yitwariye iyo kompanyi ifise uburenganzira bw’ako gashumbusho naho bituye ubutungane.

Gushika ubu indege zo mu bwoko bwa Boeing 737 Max ziracari ku butaka kuva aho indege ya Etiyopiya igiriye isanganya imaze umwanya muto ihagurutse hafi ya Addis Abeba kw’itariki 10 z’ukwezi kwa gatatu, ihitana ubuzima bw’abantu 157 bose bari muri yo.

Iyindi ndege yo mu bwoko bwa Max 8 nayo nyene iracasuzumwa kuva aho mu kwezi kwa cumi iyo ndege ya Kompanyi Lion yo muri Indoneziya ikorokeye igahitana abantu 189 bose barimwo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG