Uko wahagera

Boeing Max 737 Zoba Zigiye Gusubira mu Kirere


Indege za Boeing 737 Max i Seattle, Washington.
Indege za Boeing 737 Max i Seattle, Washington.

Kompanyi Boeing yashikirije kuri uyu wa mbere ko yiteze ko indege zayo zo mu bwoko bwa Max 737 zigiye kwemererwa n’urwego rw’Amerika rujejwe uruja n’uruza mu kirere gusubira mu kirere mu ndwi ziri imbere.

Mu ndwi iheze Boeing yari yavuze ko izo ndege zayo zishobora kwemererwa kuguruka mu mpera z’ukwezi kwa cumi na kabiri.

Gushika ubu indege zo mu bwoko bwa Boeing 737 Max ziracari ku butaka kuva aho indege ya Etiyopiya igiriye isanganya imaze umwanya muto ihagurutse hafi ya Addis Abeba kw’itariki 10 z’ukwezi kwa gatatu, ihitana ubuzima bw’abantu 157 bose bari muri yo.

Iyindi ndege yo mu bwoko bwa Max 8 nayo nyene iracasuzumwa kuva aho mu kwezi kwa cumi iyo ndege ya Kompanyi Lion yo muri Indoneziya ikorokeye igahitana abantu 189 bose barimwo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG