Uko wahagera

Bunyoni Yagirijwe Guha Amafaranga Abacangero Kugira Bice Prezida Ndayishimiye


I Bubamfu: Prezida Ndayishimiye. I Buryo: Bunyoni
I Bubamfu: Prezida Ndayishimiye. I Buryo: Bunyoni

Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Uburundi, Alain Guillaume Bunyoni yasubiye kurenguka imbere y'Ubutungane kuri uyu wa gatatu.

Ku musi wa gatatu w’urubanza rwiwe, Bunyoni yireguye ku vyaha bibiri: Uguhungabanya ubutunzi bw’igihugu no gukoresha ububasha ahabwa n’amategeko kugira ashike ku nyungu ziwe.

Uwuserukira Reta muri urwo rubanza yagirije Jenerali Bunyoni kuba yarahereye amafaranga mvamakungu ishirahamwe ry’abacangero b’abicanyi kugira ryice Prezida Evariste Ndayishimiye.

Umwagiriji ntiyavuze iryo shirahamwe uko ryitwa canke igihugu ribarizwamwo. Yagirije Bunyoni ko yatanga ayo mafaranga uko yishakiye ku bantu yigombeye.

Kuri ico caha nyene co guhungabanya ubutunzi bw’igihugu, Bunyoni yagirijwe kuba mu mahera y’umurengera mvamakungu yari afise yararishe koloneli mu gipolisi Desire Uwamahoro bapfungiwe mw’ibohero rimwe kugira amufashe mu mugambi wo gutembaza inzego zitorewe n’abanyagihugu.

Désiré Uwamahoro (Ari hagati) mw'ibarabara ryo ku murwa mukuru w'ubutunzi Bujumbura. Ino foyo yaafashwe akijejwe igisata kijejwe kurwanya imigumuko. Ni ifoto yafatiwe mu myiyerekano yo kwiyamiriza manda ya gatatu y'Umuhisi Petero Nkurunziza.
Désiré Uwamahoro (Ari hagati) mw'ibarabara ryo ku murwa mukuru w'ubutunzi Bujumbura. Ino foyo yaafashwe akijejwe igisata kijejwe kurwanya imigumuko. Ni ifoto yafatiwe mu myiyerekano yo kwiyamiriza manda ya gatatu y'Umuhisi Petero Nkurunziza.

Uwuserukira Reta muri urwo rubanza yavuze ko inyifato y’uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w’Uburundi yo kubika amafaranga y’agaciro kandi menshi ku muhana i we yahungabanije ubutunzi ituma ibijanye n’ukuvunja amafaranga bigorodoba mu gihugu. Gusa, n'inyuma yaho afatiwe idolari rya Amerika ntiryaretse kuguma ryenurira ifaranga ry’Uburundi kuko ubu rimwe rivunjwa 4,500.

Nyene kwagirizwa yavuze ko ivyo vyagiriji bitagira ifatiro na gato agira ati:" Nta tegeko na rimwe rimbuza kubika amanoti mu nzu i wanje kugira nshobore kwikenura".

Jenerali Bunyoni yanagirijwe kuba yakoresheje ububasha ahabwa n’amategeko kugira ashike ku nyungu ziwe bwite. Uwuserukira Reta yatanze akarorero k’inzu umutambukanyi wiwe, Yacinthe Niyonkuru, yapangishije n’ubushikiranganji bujejwe umutekano Bunyoni yigeze kurongora incuro zibiri ikaba irihwa imiliyoni 15 z’amafaranga y’amarundi buri kwezi. Iri mu gisagara c’ubudandaji ca Bujumbura.

Yisiguye avuga ko we nk’umushikiranganji ajejwe umutekano atigeze na rimwe asinya mu bijanye n’ubwo bukote. Yagize ati:" kira noneho n’ubushikiranganji ubwabwo ntibwigize bugirana amasezerano n’umutambukanyi wanje ahubwo ubushikiranganji bw’ibikorwa vya Reta n’ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta ni bwo bwagize amasezerano"

Insiguro za Bunyoni ntizanyuze uwuserukira Reta: We abona ko Bunyoni yaronseko inyungu bitewe n’uko we n’umutambukanyi wiwe ari nk’umuntu umwe kubera basezeranye ivangamutungo igihe bagira amasezerano yo kwabirana rukristo.

Icaha c’ukubika amafaranga mvamakungu ku mihana y’abantu, Prezida Evariste Ndayishimiye yakivuzeho akatari gake anagabisha abatunze amahera y’agaciro mu nzu ko bokwibarabara kuko atari ayabo ahubwo ari ay’igihugu.

Kuri uyu wa gatatu kandi abandi bantu babiri baregwa mu rubanza n’uwahoze ari umushikiranganji wa mbere bumvirijwe n’abacamanza ba sentare ntahinyuzwa bashashe mw’ibohero rikuru rya Gitega kuva mu ntango z’indwi mw’ido n’ido.

Uwa mbere ni koloneli mu gipolisi Desire Uwamahoro: Afise igitabu ca Bibiliya mu minwe nk’uko abari mu rubanza babibwiye Ijwi ry’Amerika, Uwamahoro yamenyekanye cane mu gihe co gutuza imyiyerekano yo kwiyamiriza ikindi kiringo ca nyakwigendera Prezida Pierre Nkurunziza cateye impari muri 2015, yireguye ku caha co “kumena amabanga y’akazi” mu gushaka kuburira Bunyoni ko agire afatwe abicishije kuri umwe mu bagwizatunga bacuditse. Ariko yabihakanye.

Uwa kabiri ni Samuel Destine Bapfumukeko, umukozi mukuru w’igendereza ry’Uburundi. Nawe nyene yabajijwe ku caha kimwe na Uwamahoro. Uwu, yagirijwe kuba yaribiye akabanga Bunyoni ko igipolisi n’iperereza bizoja kumusaka no kumuhagarika. Uwo kandi yanireguye ku vyerekeye kuba yakomeje aha amakuru Jenerali Bunyoni ajanye n’imikenyuro y’urwego rw’iperereza igihe yari yinyegeje ku Mubone wa Kabezi mu ntara ya Bujumbura mu burengero bw’Uburundi imbere y’uko atabwa muri yompi.

Bapfumukeko yisiguye avuga ko ico gihe yari mu karuhuko k’akazi k’umwaka. Yongeyeko ati:" Hejuru y’ivyo sinari mu bantu bari bajejwe kuja kumusaka no kumuhagarika." Urubanza ruzobandanya kuri uyu wa kane mw’ibohero rikuru rya Gitega.

Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru ya Eloge Willy Kaneza.

Bunyoni Arahakana Ivyaha Yagirizwa
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:05 0:00
XS
SM
MD
LG