Uko wahagera

Ubutungane bw'Uburundi Buriko Burondera Bunyoni


Alain Guillaume Bunyoni yahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Uburundi, akaba ariko aronderwa n'ubutungane bw'ico gihugu
Alain Guillaume Bunyoni yahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Uburundi, akaba ariko aronderwa n'ubutungane bw'ico gihugu

Umushikiranganji ajejwe umutekano mu Burundi aremeza ko uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w'ico gihugu, Alain Guillaume Bunyoni, atawuzi irengero ryiwe.

Martin Niteretse avuga ko ibiro vy'umushikirizamanza kizigenza wa Republika biriko biramurondera.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu ku murwa mukuru w'ubutunzi i Bujumbura, umushikiranganji Niteretse yanemeje kandi ko Coloneli Desire Uwamahoro atwara igipolisi kijejwe kurwanya imigumuko afunzwe ariko arumvirizwa akaba akurikiranwa na parake nkuru ya Republika nyene.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG