Uko wahagera

Burundi: Inzego Zijejwe Umutekano, Igipolisi n'Inyamiramabi Zahinduwe mu Gihugu Cose


Kuri iyo foto, Pierre Nkurikiye yariko aramukanya na Alain Guillaume Bunyoni yavanywe mu mabanga y'umushikiranganjin wa mbere mu Burundi
Kuri iyo foto, Pierre Nkurikiye yariko aramukanya na Alain Guillaume Bunyoni yavanywe mu mabanga y'umushikiranganjin wa mbere mu Burundi

Inzego z’umutekano, igipolisi n’inyamiramabi zahinduwe mu gihugu cose c'Uburundi. Hahinduwe kandi abajejwe ububiko bw’ibirwanisho mu gipolisi. Bamwe muri izo nzego bemeza ko abahinduwe ari abari bashigikiye uwahora ari umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni na we nyene yakuwe mu mabanga yiwe. Umukuru w’igihugu yari amaze iminsi avuga ko hari abashaka gutembagaza ubutegetsi bwiwe.

Inzego zitatu zikomeye mu gucungera umutekano w’igihugu ni zo zahinduriwe abayobozi: Izo na zo ni igipolisi gicungera umutekano kigafata n’abantu bibaye ngombwa, inyamiramabi zifunga abantu hamwe n’igipolisi kijejwe abinjira n’abasohoka mu gihugu canke mu ntara.

Guhera mu gisagara ca Bujumbura, ahari ingoro y’umukuru w’igihugu, abatwara izo nzego z’igipolisi bahinduriwe amabanga. Abagenywe nka bose ni amazina mashasha. Kandi hagenywe ivyegera gusa. Icegera c’uwutwara igipolisi n’uw’inyamiramabi i Bujumbura babaye Colonel de Police Manirakiza Ernest na Mfuranzima Zabulon.

Icegera c’uwujejwe igipolisi kijejwe abinjira n’abasohoka mu gisagara ca Bujumbura, na we yabaye umukenyezi, capitaine de police Sibomana Marie Rose.
Ku murwa mukuru wa politike i Gitega n’aho nyene vyagenze gurtyo, izo nzego zitatu z’igipolisi zahinduriwe abazitwara.

Abo bategetsi batatu bahinduwe kandi mu ntara zitandukanye guhera i Bubanza, Bujumbura rural, Cibitoke, Muramvya, Mwaro, Ruyigi, Kayanza, Kirundo, Ngozi, Bururi, Makamba, Rumonge, Rutana, Cankuzo, Karusi na Muyinga.

Abandi bahinduwe ni abatwara amashure y’igipolisi, ububiko bw’ibirwanisho hamwe n’abatwara ibiro bitandukanye. Itegeko ryateweko umukono n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’umutekano, Gervais Ndirakobuca, imbere y’uko agenwa mu mabanga y’umushikiranganji wa mbere kuri uyu wa gatatu.

Ico bikoze, mu gisirikare, nta mutegetsi yahindutse. Ijwi ry'Amerika ryashatse kumenya ico iyo ngingo isigura, maze ribaza uwahora ari intwazangabo mu gisirikare c’Uburundi, atifuje ko amazina yiwe ashirwa ahabona. Uwo yagize ati: “Izo ni zo nzego zikomeye kandi zifashe mu ntoke umutekano wo hagati mu gihugu”.

Yongeyeko ati : “Abo umushikiranganji ashobora kugena ni ivyegera vy’abatwara igipolisi mu ntara gusa. N’ayo uwutwara igipolisi mu ntara agenwa n’umushikiranganji wa mbere, uyu na we nta bubasha yari agifise kandi ntiyari kwemera kuko yari azi ko agira akurwe”.

Uwo yahoze mu gisirikare c’Uburundi abona ko “abagenywe bose ari ijisho ry’umukuru w’igihugu n’umushikiranganji yahora ari uw’umutekano ubu yabaye umushikiranganji wa mbere”. Uwo yatubwiye ko “abagenywe ari mu ntumbero yo kuburizamwo umugambi wose mubi woshaka gushirwa mu ngiro n’uwakuwe mu mabanga y’umushikiranganji wa mbere, Alain Guillaume Bunyoni hamwe yoba agifise agashavu”.

Uwundi yahinduriwe amabanga ni Jenerali Gabriel Nizigama, umuhanuzi mu vya gisivile mu biro kwa perezida. Uyu azwi nk’umwizigirwa kwa Perezida Evariste Ndayishimiye, kuko bava hamwe n’umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare Prime Niyongabo, mu Ntara ya Muramvya, ihana urubibe na Gitega ahava Perezida Ndayishimiye.

Uyu, Nizigama, amakuru yo kwizera Ijwi rya Amerika rifise ni uko yoba yasubirijwe kugira agenwe mu mabanga y’umushikiranganji w’umutekano n’intwaro yo hagati mu gihugu, ikibanza yabayemwo imyaka myinshi ku ntwaro ya nyakwigendera Perezida Petero Nkurunziza.

Umwe mu begereye umugambwe uri ku butegetsi yabwiye Ijwi ry'Amerika ati: “Ubu kirapanze. Umukuru w’igihugu ari kumwe na Ndirakobuca, Prime Niyongabo na Gabriel Nizigama. Nta nkeka ko abashaka gutoba umugambi w’iterambere tuzobirukana n’ababashigikiye bose”.

Umukuru w’igihugu, Evariste Ndayishimiye, yari amaze iminsi avuga ko hari abashaka gutembagaza ubutegetsi bwiwe. Umuhinga mu vy’amategeko na politike, Janvier Bigirimana, abona ko izo ngingo n’imvugo ya Perezida Ndayishimiye vyerekana uko inzego z’igihugu zihagaze.

Fyonda munsi wumve ibindi kuri ino nkuru ya Pierre Claver Niyonkuru akorera Ijwi ry'Amerika

Ihindurwa ry'Inzego Zitandukanye mu vy'Umutekano w'Uburundi
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:33 0:00

Amakuru Ijwi rya Amerika rifise ni uko umutekano wakajijwe bikomeye mu gisagara ca Bujumbura, i Gitega no ku kibuga c’indege ca Bujumbura.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG