Uko wahagera

Ndirakobuca Agiye Kuba Umushikiranganji wa Mbere ni Umuntu ki?


Gervais Ndirakobuca, umushikiranganji wa mbere w'Uburundi
Gervais Ndirakobuca, umushikiranganji wa mbere w'Uburundi

Jenerali wa Polisi Gervais Ndirakobuca yemejwe n’inama nshingamateka nk’umushikiranganji wa mbere w’Uburundi kuri uno gatatu. Yahora ari umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere ry'amakomine n'umutekano. Asubiriye Alain Guillaume Bunyoni inyuma yaho umukuru w'igihugu c'Uburundi avugiye ku mugaragaro ko hariho bimwe mu bicocoro vyo mu mugambwe uri ku butegetsi bifise umugambi wo kumuhirika.

Mu mw’idondoro Gelase Ndabirabe atwara inama nshingamateka y'Uburundi yasomeye abadepite imbere yo gutora Ndirakobuca, yavuze ko Ndakugarika, afise imyaka 52 y’amavuko. Yavukiye ku mutumba wa Kibaya uri muri zone Ndora, commune Bukinanyana y’intara ya Cibitoke.

Ndirakobuca yize amashure mato yiwe muri komine ya Gihanga iri mu ntara ya Bubanza ihana urubibe na Cibitoke avukamwo. Igice ca mbere c’ay’isumbuye yagiye kukibandaniriza kw’ishure ryisumbuye ryo mu ntara ya Cibitoke, ica kabiri acigira kw’ishure ryisumbuye ryo muri karitiye ya Ngagara i Bujumbura.

Kaminuza yayize kuri kaminuza nkuru y’igihugu mu gisata ca “Chimie”. Ico gisata ntiyakiminujemwo, kuko mu 1993 intambara imaze kwaduka mu Burundi, yahisemwo gufata umuheto aja mw’ishamba kurwanya ubutegetsi bw’ico gihe. Mu barwanyi basangiye urugamba rwo mw’ishamba, harimwo umuhisi Prezida Evariste Ndayishimiye, na Alain Guillaume Bunyoni asubiriye.

Kuri iyo foto yafashwe bakiri mw’ishamba, Gervais Ndirakobuca ni uwo ari ibubamfu, uwuri iburyo nawe ni Alain Guillaume Bunyoni.

Gervais Ndirakobuca bamutazira, Ndakugarika. Ijwi ry’Amerika ryabajije umwe mu bo basangiye urugamba igituma baramutaziriye Ndakugarika, yishura ati: “ Ndakugarika bisigura Ndakwica ata kinya!) Ni akazina twamuhaye bivuye ku nyifato yari afise tukirwana.

Ndirakobuca amaze kuzezeshwa amabanga atari make mu Burundi. Arimo ayo mu buyobozi bw'igipolisi c'Uburundi, umuyobozi mukuru w'ibiro bijejwe iperereza, n’umushikiranganji ajejwe ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere ry'amakomine n'umutekano.

Izina ryiwe ryakunze kuza kenshi mu madosiye arimwo ay’abicwa n’abanyuruzwa, no guhangana bikomeye n'abakora imyiyerekano yiyamiriza manda ya gatatu y'umuhisi Petero Nkurunziza. Ndirakobuca ari ku rutonde rw’abategetsi Ubumwe bwa Buraya n’Amerika vyafatiye ibihano bibagiriza ubwicanyi n’ayandi mabi. Urwo rutonde rw’abafatiwe ibihano na Alain Guillaume Bunyoni aruriko.

Igihagararo ca Ndirakobuca kingana gute mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD?

Ako kabazo Ijwi ry’Amerika ryakabajije umugumyabanga yahoze mu b’imbere muri uwo mugambwe hama yishura ati:“ Ndakugarika yamye yegereye abafata ingingo zikomakomeye mu mugambwe … ariko kugera mu 2017, sinovuga ko yari mu bavuga ntiryijane!.. Ashima kwiyegereza uwufise ubutegetsi n’ubushobozi gusumba abandi… Ikindi, aragamburukira cane uwuba amubereye sebuja. Mu vy’akazi ni umuntu afata ingingo ariko rimwe na rimwe zikaba gihutihuti…ntiwibuka ko akiri umushikiranganji hari umuntu yigeze kwishirirako amapingu kandi bitari mu vyo yari ajejwe? Ntatinya gufata ingingo naho yoba inyuranye n’amategeko rero. Mu kuvuga adudurirako adatinya! ”

Ni gake Gervais Ndirakobuca aboneka ariko aramwenyura! Abamuzi yamara babwiye Ijwi ry’Amerika ko ari umuntu atera inkuru atebura cane, kandi akazitwenga kumwe n’abandi azitera!

Ndakugarika asubiriye Bunyoni. Ku bamuzi, bavuga ko akunze kuboneka ku mbuga ngurukanabumenyi ari mu mazu yiwe y’agaciro kanini, aha utuganuke tw’agaciro kanini umutambukanyi wiwe turimwo imodoka zizimvye, aceza umuziki na madamu wiwe biyambariye amazahabu biboneka ko azimvye. Ijwi ry’Amerika ryabajije uwumuzi mw’ishamba riti: “ Ndirakobuca umufuko wiwe ntiwifashe nk'uwa Bunyoni, canke ni ukwicisha bugufi nawe ari ku murongo umwe na Bunyoni mu vy’umufuko? ”

Nawe yishura ko “ Naho Ndirakobuca ivya politike abivugira hejuru atarya umunwa, ivy’ubutunzi bwiwe bitopfa kumenywa n’uwari we wese. Gusa, arabufise kuko burya kuva kera ari mu budandaji bw’inzahabu buca mu nzira zinyuranye n’amategeko. Bunyoni naho ubutunzi bwiwe budahishwa, muri politike avuga make ku mugaragaro, ayo avuga arayitondera! Abo bagabo babiri ni aho batandukaniye."

Gervais Ndirakobuca arubatse. Afise abana indwi bagizwe n’abakobwa bane, n’abahungu batatu. Hagati aho, naho twavuze ko 1993 yataye ishure akaja mw'ishamba, amaze kuva mw’ishamba yamazemwo imyaka itari mike, yarasubiye ku ntebe y’ishure aja kuminuza kuri kaminuza ya Espoir d’Afrique iri i Bujumbura mu Burundi: Muri iyo kaminuza yahavanye impamyabushobozi mu 2013 mu gisata c’amategeko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG