Uko wahagera

Bunyoni Yisiguye ku Mazina "Atabereye Yise Abategetsi Bakuru b'Uburundi"


Alain-Guillaume Bunyoni yahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Uburundi. Ino foto, yafatiwe i Gitega mu Burundi, igenekerezo rya 26 ukwezi kwa 6 ko mu 2020, umunsi wo gushingura Prezida Pierre Nkurunziza yahoze atwara Uburundi.
Alain-Guillaume Bunyoni yahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Uburundi. Ino foto, yafatiwe i Gitega mu Burundi, igenekerezo rya 26 ukwezi kwa 6 ko mu 2020, umunsi wo gushingura Prezida Pierre Nkurunziza yahoze atwara Uburundi.

Kuri uyu wa kabiri, urubanza rwa Alain Guillaume Bunyoni yahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Uburundi, rwabandanije kwumvirizwa mu mizi mw'ibohero rikuru rya Gitega, aho apfungiwe kuva mu kwezi kw'indwi, uyu mwaka.

Hambavu y'icaha co gutuka umukuru w'igihugu ciyongeye ko bindi vyaha yagirijwe, uno musi Jenerali Bunyoni yagirijwe gutesha ubumuntu umushikiranganji wa mbere w'Uburundi, Gervais Ndirakobuca.

Ku musi ugira kabiri w'urubanza rwa Bunyoni, haburanishijwe amasura abiri y'abapolisi bahora barongoye umurwi wari ujejwe gukingira ubuzima bwiwe. Abo bapolisi babiri barengukishijwe kubera yari yasavye ko baja kumuvugira ku caha yagirizwa co gutunga ibirwanisho adafitiye uruhusha.

Umwe mu bakurikiye urubanza rwo kuri uyu wa kabiri mw’ibohero rikuru rya Gitega, yabwiye Ijwi ry’Amerika kuri terefone ati:" Basa n’abavuguruzanije mu vyo bavuze; uwa mbere yasiguye ko mw’ibisikanya igihe yararangije ikiringo ciwe yasize yeretse mugenzi we ibirwanisho vyose vyari ku kikirimba kwa Bunyoni. Ni mu gihe uwasigiwe amabanga we avuga ko mu nyuma yikanguye abona igisandugu kindi atari yeretswe, akavuga ko atigeze amenya icarimwo”.

Mu ntahe y’icese yo kuri uyu wa kabiri, Bunyoni yavuze ko abakoze amatohoza n’isaka, bongereje nankana igitigiri c’ibirwanisho basanze ku muhana iwe. Yongeye agira ati: "Igitangaje ni uko Ministere public (ubushikirizamanza), itigeze yandika inimero ya buri kirwanisho catowe iwanje”.

Ku wa mbere Bunyoni yari yavuze ko n’ibikoho bitera amarokete vyapfuye, igendereza n’igipolisi vyasanze iwe abamwagiriza babishize mu gitigiri c’ibirwanisho atunze. Sentare ntiyanyuzwe n’izi nsiguro.

Bunyoni yaburanishijwe ku caha kimwe co gutuka umukuru w'igihugu mu vyari bisanzwe ku rutonde rwatangajwe n’ibiro vy’umushikirizamanza kizigenza wa Republika. Mugabo mu mizi hiyongereyeko ico kwita umushikiranganji wa mbere amazina y'ibikoko.

Sentare yemeza ko mu biganiro kuri terefone no mu butumwa bwanditse, Bunyoni n'umupfasoni wiwe bita umushikiranganji wa mbere w'ubu Gervais Ndirakobuca "Impene". Ku bwa sentare, ivyo bisa “n'ukwaka uwo mutegetsi ubumuntu”.

Alain Guillaume Bunyoni yisiguye avuga ko ari akazina k'ubuhizi bita Gervais Ndirakobuca igihe bari bakiri mw'ishamba mu rugamba barwana bari mu muwi warwanya ubutegetsi bw'ico gihe. Uwo murwi, CNDD-FDD, wahoze witwaje ibirwanisho, wahindutse umugambwe uri ku butegetsi muri 2005, inyuma y’amasezerano y’amahoro ya Arusha yo muri 2000.

Uva i bubamfu uja i buryo (Abahagaze): Gervais Ndirakobuca na Alain Guillaume Bunyoni bakiri mw'ishamba.
Uva i bubamfu uja i buryo (Abahagaze): Gervais Ndirakobuca na Alain Guillaume Bunyoni bakiri mw'ishamba.

Ku vyerekeye ugutuka umukuru w'igihugu, sentare yasubiye kwerekana ubutumwa bwo muri terefone " Bunyoni yandikiranye na Bob Rugurika, umuyobozi wa radiyo RPA ikorera mu buhungiro aho yita Prezida Évariste Ndayishimiye Vuvuzera", igikoresho gikoreshwa mu gucuraranga, kizwi cane cane muri Afrika y’Epfo camenyekanye gose mu nkino za nyuma z’igikombe c’isi c’umupira w’amaguru mu mwaka wa 2010.

Uwuserukira Reta muri urwo rubanza yasomye ubwo butumwa "bwagira buti: Dushire inguvu zose kuri Vuvuzela kugira dosiye tuyihutishe”. Ivyo ku bw’uwuserukira Reta ni ubutumwa buhinyitse bwavuga ku vyerekeye ugutembagaza reta y’umukuru w’igihugu.

Uwuserukira Reta yavuze ko ico gihe Umumenyeshamakuru Rugurika yari yatanguye yandika asaba amafaranga Bunyoni. Jenerali Bunyoni nawe amwishura mu gifaransa ati “Tres bien, Je vais tout faire! bisigura mu Kirundi ngo: Ni vyiza cane, nzokora ibishoboka vyose”, ni ko ubutumwa bwanditse bwasomwe mu ntahe y’icese n’uwagiriza Bunyoni, bwavuga.

Muri sentare, Jenerali Bunyoni yagaragaye incuro nyinshi abwira uwuserukira Reta muri urwo rubanza ati:" Reka amarangamutima n’ibishobisho, werekane ivyemezo vy’ivyagiriji vyawe aho kuvuga ivyo wiyumvira gusa”.

Ku bijanye n’ico caha co gutuka umukuru w’igihugu, yongeye agira ati: "nimuzane ivyemezo niba hari amajwi canke ikindi kintu kivyerekana. Umuntu ahanirwa icaha ku gatwe kiwe bwite mu mategeko; murarengutsa Bob Rugurika yavyanditse, abisigure”. Sentare yavuze ko naho atavyanditse we ubwiwe yemeranije n’uwavyanditse kubera atari kwishura ku bintu atazi iyo bija n’iyo biva.

Ku wa mbere, Bob Rugurika yabwiye Ijwi ry'Amerika ko ibishikirizwa n'uwahoze ari umushikiranganji wa mbere muri urwo rubanza abifata nk'ibitutsi.

Alain Guillaume Bunyoni yahagaritswe mu mpera z’ukwa kane uyu mwaka akajanwa mw’ibohero rikuru rya Ngozi mu buraruko ku wa 8 ukwa gatanu imbere yo kwungururizwa mu rya Gitega ku murwa mukuru wa politike, ahapfungiwe abashatse gutembagaza ubutegetsi bw'Umuhisi Pierre Nkurunziza yari somambike wa Bunyoni, amaze kwiregura ku vyaha bine kuri cenda yikekwako.

Abandi mu baroye gukurikirana urwo rubanza babwiye Ijwi ry'Amerika batangaye bati:" Ariko aravuga, n’ubu afise ijwi gitegetsi kandi biboneka ko avugana ubwenge anazi imikenyuro y’ingene imanza ziburanishwa!”.

Urubanza rwa Alain Guillaume Bunyoni, ruzobandanya kuri uyu wa gatatu mw'ibohero rikuru rya Gitega aho apfungiwe kuva mu kwezi kw'indwi uyu mwaka.

Ata gihindutse nk’uko amasoko y'Ijwi ry'Amerika yo mu butungane abivuga, uru rubanza rubwirizwa kuburanishwa, ku buryo iyi ndwi izohera hamenyekanye ibihano sentare isabira Bunyoni.

Alain Guillaume Bunyoni yahoze ari umushikiranganji wa mbere yafatwa nka kimwe mu bihangange mu gihugu c’Uburundi kugera igihe yatabwa muri yompi giturumbuka.

Fyonda hasi wumve ino nkuru ya Eloge Willy Kaneza mu majwi.

Insiguro za Bunyoni ku Mazina "Adashemeye Yise Abategetsi b'Uburundi"
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:40 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG