Uko wahagera

Burundi: Ubutungane Buracukumbura Ibindi Vyaha Kuri Alain Guillaume Bunyoni


Alain-Guillaume Bunyoni wahoze ari ministri w'intebe w'Uburundi
Alain-Guillaume Bunyoni wahoze ari ministri w'intebe w'Uburundi

Ubutungane bw'Uburundi buvuga ko bukomeje gucukumbura ibindi vyaha uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w'ico gihugu Alain Guillaume Bunyoni yoba yarakoze. Ivyo vyashikirijwe na Agnès Bangiricenge, umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa kuri uyu Kane mu kiganiro c'abavugizi b'inzego za Reta.

Abavugizi b’inzego za Reta n’uw’umukuru w’igihugu bari bakoraniye mu ntara ya Muramvya hagati na hagati mu gihugu c’Uburundi. Bariko baremesha ikiganiro bama baha abanyagihugu n’itangazamakuru buri mezi atatu.

Muri iki kiganiro hakunze kubazwa ibibazo biba bihanze igihugu mu kiringo gitunganirizwamwo hamwe n’ingorane abanyagihugu baba bafise ku giti cabo bashaka ko zigera imbere cane cane ababa baracinyijwe n’inzego zo hasi.

Naho yarungitswe mw’ibohero mu ntango z’ukwa Gatanu haherutse kuba ikiganiro nk’iki mu ntara ya Cibitoke ari naco cavugiwemwo ubwa mbere ivyaha uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni akurikiranwako, n’ubu dosiye yiwe iracari muvyo Abarundi bagikeneyeko umuco mwinshi.

Umwe mu bamenyeshamakuru bakorera radiyo iri i Bujumbura yabajije umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa n’ibiro vy’umushikirizamanza kizigenza wa Republika aho ivyerekeye iyo dosiye bigeze. Kugera ubu, bwana Bunyoni atarigera ashengezwa muri sentare inyuma y’amezi arenga abiri ari mu munyororo.

Agifatwa Bunyoni yagirijwe ivyaha bitatu: uguhungabanya umutekano w’igihugu, uguhungabanya ubutunzi bw’igihugu n’ukwishakira inyungu z’akazi zidaciye mu mategeko. Ubu hiyongeyeko ibindi vyaha nk’uko bisigurwa n’umupfasoni Agnes Bangiricenge.

Umwe mu bari baremesheje ikiganiro yashimye kumenya neza ukuntu Jenerali Bunyoni akurikiranwa ku caha co “gutunga ibirwanisho atabifitiye uruhusha” kandi ari mu nzego z’umutekano maze asubizamwo Bangiricenge. Uwo ryamuguye nabi ariko aracishura.

Kugera ubu, nta raporo iratangwa y’ibirwanisho vyatowe ku rugo rwa Bunyoni igihe igipolisi n’iperereza vyasaka ingo ziwe ku murwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura no mu ntara ya Rutana mu bumanuko bushira ubuseruko.

Gusa isoko ry’Ijwi ry’Amerika rimenyereye ibibazo vy’umutekano mu Burundi ryari ryatubwiye mu kwezi kwa gatanu riti“ mu bisanzwe nk’umujenerali yemerewe gutunga inkoho zibiri: intoya na nini. Mu gihe boba basanzeho iziyongereye kuri izo, baremerewe kumwagiriza ko atunze ibirwanisho adafitiye uruhusha”.

Mu mpera z’ukwa kane, ishirahamwe Human Rights Watch ryasavye ko Bunyoni ahabwa ubutungane bwigenga, risaba Reta kureka indorerezi mvamakungu kuza gukurikirana urubanza rwiwe. Vy’umwihariko, Clementine de Montojye, umushakashatsi ku mugabane wa Afrika muri uwo muryango yabisiguriye Ijwi ry’Amerika.

Uwundi mwitwarariko wabajijwe ni ikibazo c’igitoro cabaye ingorabahizi haraheze amezi arenga 18. Umuvugizi w’umukuru w’igihugu Rosine Guilene Gatoni nta mwizero yatanze.

Yavuze ko hari abagwizatunga bigize akagaramaruganda bakanka gusohora ibikamyo vyo kurangura ibitoro. Gusa umuti wabo woba uri ku ziko, nk’uko Gatoni agabisha.

Ariko Faustin Ndikumana, umukuru wa Parcem, ishirahamwe rihamagarira Abarundi guhindura ingendo kugira bashike kw’iterambere rirama asanga ari ikibazo gikwiye kwicarirwa na bose. Aha yariko atanga umwihwezo I Bujumbura mu ntango z’indwi.

Mu kiganiro co kuri uyu wa kane kandi havuzwe ibijanye n’amakimbirane amaze imisi yibonekeza mu mugambwe CNL utavuga runwe n’ubutegetsi.

Umukuru wawo aheruka guhagarikwa na cumi mubagize biro poritike nawe yari amaze imisi akuye. N’igice c’abagize iyo biro???. Ivyo vyabaye inyuma y’uko umushikiranganji w’intwaro yo hagati ahagaritse ibikorwa vy’uwo mugambwe umaze amezi ufise indyane muburongozi. Umuvugizi w’ubwo bushikiranganji bujejwe itunganywa ry’imigambwe yirinze kugira vyinshi abivugako ati” inzego twemera ni izo muri 2019 igihe umugambwe washingwa”.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:50 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG