Uko wahagera

Ni Iyahe Sentare Izoburanisha Bunyoni?


Alain Guillaume yahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Uburundi
Alain Guillaume yahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Uburundi

Reta y’uburundi itangaza ko uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni akwirikiranwa ku vyaha vyo guhungabanya umutekano w'igihugu, gusesagura ubutunzi bw'igihugu no kurondera inyungu z'akazi zidaciye mu mategeko.

Mu kiganiro abavugizi b’inzego z’igihugu baremesheje kuri uyu wa mbere ni ho umuvugizi w’umushikirizamanza kizigenza wa Republika akaba kandi n’umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa, Agnes Bangiricenge, yatangarije ivyo vyaha.

Ivyaha Jenerali Bunyoni yagirizwa ntawuzi niba yabikoze akiri umuhanuzi mu biro kwa nyakwigendera Prezida Nkurunziza banama rimwe, canke igihe yari umushikiranganji w’umutekano, canke naho yoba yabikoze akiri mu mabanga y’umushikiranganji wa mbere.

Mu gihe vyoba vyakozwe ari umushikiranganji wa mbere bizogorana cane ko aburanishwa kubera hakurikijwe ibwirizwa nshingiro sentare yo kumuburanisha ntayihari mu gihugu: Ni sentare nkuru yunguririzwamwo imanza. Iyo nayo kugera ubu ntayiriho mu gihugu.

Urunani rw’abashingwamanza baburanira abakorewe amabi yaturutse ku ntureka zavyawe n’ikindi kiringo ca Nyakwigendera Pierre Nkuruniza cateye impari mu Burundi mu 2015, rusaba ubutungane bw’Uburundi kwemera gukorana na mpuzamakungu muri dosiye ya Bunyoni.

Maître Armel Niyongere, umwe mu bashingwamanza batwaye ibirego muri CPI akaba anasasa muri sentare mpanavyaha i La Haye, yavuganye n’Ijwi ry’Amerika kuri terefone.

Ivyaha Bunyoni yagirizwa bitegekanijwe n’ingingo za 456, 607, 608, 609, 610, 611 na 612 z’igitabu mpanavyaha c’Uburundi. Umunyororo munini uteganywa muri izi ngingo ni imyaka 30. Fyonda hasi wumve ibiri muri izo ngingo muri ino nkuru ya Eloge Willy Kaneza.

Ivyaha Bunyoni Yagirizwa Bihanyishwa Umunyororo w'Imyaka Ingahe?
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:20 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG