Uko wahagera

Ubutungane bw'Uburundi Bwahishuye Ivyaha Bukeka kuri Bunyoni


Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Uburundi Alain Guillaume Bunyoni akurikiranwa ku vyaha vyo guhungabanya umutekano w'igihugu, guhungabanya ubutunzi bw'igihugu no kurondera inyungu z'akazi zidaciye mu mategeko.

Umuvugizi w'ibiro vy'umushikirizamanza kizigenza wa Republika yabitangaje kuri uyu wa mbere mu kiganiro c'abavugizi b'inzego za Reta.

Agnès Bangiricenge ntiyavuze igihe ibi vyaha vyakozwe. Mu gihe vyoba vyakozwe Bunyoni ari umushikiranganji wa mbere, kugera ubu nta sentare n'imwe yo mu Burundi yoba ifise ububasha bwo kumuburanisha kubera sentare y'ikirenga ibirekuriwe n'uyu musi itarajaho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG