Uko wahagera

Burundi: Desire Uwamahoro Yakuwe mu Mabanga y'Umukuru wa BAE


Desire Uwamahoro
Desire Uwamahoro

Mu Burundi, Désiré Uwamahoro yahora atwara igipolisi kijejwe kurwanya imigumuko, BAE, yakuwe mu mabanga yiwe.

Yasubirijwe na Koloneli Jonathan Sindayihebura. Koloneli Sindayihebura yahora atwara igipolisi kijejwe gucungera inzego, API.

Ingingo yo gukombora Koloneli Uwamahoro yafashwe n’Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu n’umutekano uno munsi ku wa kabiri.

Désiré Uwamahoro avanywe mu mabanga yo gutwara igipolisi kijejwe kurwanya imigumuko afungiwe mu gasho gakuru ka komine Murembwe y’intara ya Rumonge kuva kw'igenekerezo rya 21 uku kwezi kwa kane.

Iyo ntwazangabo y’ipete rya koloneli yajanywe muri ako gasho kari mu bumanuko bushira ubuseruko bw’Uburundi, inyuma y’indwi yamaze afungiwe mu minwe y’inzego z’iperereza i Bujumbura mu Burundi.

Amasoko y’Ijwi ry’Amerika yuzuzanya yemeza ko Koloneli Uwamahoro yoba afungiwe ibifitaniye isano na dosiye ya Alain Guillaume Bunyoni yahoze ari umushikiranganji wa mbere w’Uburundi.

Mu vyo yoba yagirizwa, harimwo ko “yoba yarabangamiye umugambi w’uko Jenerali Alain Guillaume Bunyoni yakwa abajejwe kumucungera umutekano no gucungera urugo rwiwe, igihe yakomborwa mu mabanga y’umushikiranganji wa mbere w’Uburundi.”

Ubutungane bw’Uburundi ntiburavuga ku mugaragaro ico bwagiriza Koloneli Uwamahoro. Ku munsi wa gatatu w’indwi iheze, umunsi umushikiranganji ajejwe umutekano mu Burundi atangaza ivyaha Jenerali Alain Guillaume Bunyoni yagirizwa, abamenyeshamakuru bamubajije ico Koloneli Desire Uwamahoro yagirizwa, ariko Umushikiranganji Ninteretse nta vyinshi yashimye kubivugako.

Ari nka hamwe Desire Uwamahoro yokwagirwa n’icaha ico ari co cose gishobora kumufungisha amezi agera kuri 6, ashobora kuvanwa burundu mu gipolisi c’Uburundi, nkuko amategeko agenga inzego z’umutekano mu Burundi abivuga.

Koloneli Uwamahoro yagenywe ubwa mbere mu mabanga y’umukuru w’igipolisi kijejwe kurwanya imigumuko, BAE, mu 2015, aza kuvanwa muri ayo mabanga mu 2016 yagirizwa urudandazwa rw'inzahabu biciye mu buryo butemewe n’amategeko. Ico gihe, yarapfunzwe gato, afunguwe aza kugarukanwa muri ayo mabanga nyene.

Igisata c’igipolisi kijejwe kurwanya imigumuko, BAE, cashinzwe mu 2015, igihe imyiyerekano yo kwiyamiriza ikindi kiringo c’Umuhisi Petero Nkurunziza yari ikaze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG