Uko wahagera

Abacamanza Indwi Bakukira Sentare Zikuru na Parake Bafunzwe mu Burundi


Inyubako ya Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingito
Inyubako ya Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingito

Abacamanza indwi bakukira sentare zikuru na parake mu ntara za Gitega na Karusi hagati na hagati hashira ubuseruko bw'Uburundi bahagaritswe bongera barafungwa. Ni ingingo yafashwe na parake nkuru ya Republika. Bikekwa ko ivyaha vyo kurya ibiturire no kwiba bakoresheje uruyeri.

Ijwi ry’Amerika ryamenye abapfunzwe, umwidondoro wabo n'aho bakorera. Abo ni Desire Manirakiza, icegera c’umushikirizamanza wa Republika mu ntara ya Karusi hagati na hagati hashira ubuseruko, Renovat Manirampa ,umucamanza wo muri sentare isubiramwo imanza ya Gitega ku murwa mukuru wa politike, Janvier Nizigiyimana, umucamanza wo kuri urwo rukiko nyene, Philotaire Ndayishimiye, umucamanza wo muri parake nkuru ikukira sentare isubiramwo imanza ya Gitega, Floridas, umucamanza wa sentare isubiramwo imanza ya Gitega, Abel Irankunda, akora mugisata kijejwe amategeko mw’ibohero rikuru rya Gitega hamwe n’uwitwa Nestor, umucamanza wa sentare nkuru ikukira intara ya Gitega. Umupfungwa w’umunani ni Jean Pierre Masabarakiza, ni umukozi mutoya ajejwe gutunganya imirimo muri parake ya Republika i Gitega.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:07 0:00

Nk’uko amasoko yo mubutungane yavyemereye Ijwi ry’Amerika, uko ari umunani bakurikiranwa kuvyaha bibiri nyamukuru: kurya ruswa no kwiba bakoresheje uruyeri. Ibi vyaha bishigikiwe n’ubutumwa bwo mumaterefone ubushikirizamanza bufise nk’uko amasoko yegereye iyi dosiye abitubwira.

“Hari umugabo yigize umukomisiyoneri. Aragenda akavugana n’imiryango y’abanyororo canke abapfungwa ubwabo akabizeza ko imanza zabo zishobora kwihutishwa canke naho bashobora kurekurwa babanje gutanga amafaranga harimwo n’ayiwe. Ubutumwa buri muri terefone n’amajwi yagiye arungikira abakiriya biwe ahejeje kuganira n’abacamanza ni vyo vyagiriji ubushikirizamanza bufise”, ni ko amasoko yo mu gipolisi yemereye Ijwi ry’Amerika.

Uwo mugabo tutarabasha kumenya umwidondoro wiwe kuri uyu wa gatanu ku muhingamo yarahagaritswe n’igipolisi. Afungiwe muri komisariya ya polisi ku murwa mukuru wa politike.

Abandi uko ari umunani bafashwe ku musi wa kane ku mugoroba kw’itegeko ry’umushikirizamanza kizigenza wa Republika. “Babahamagaye kumaterefone baca babajana mw’ibohero rya Gietega ubutarariye. Baciye bumvirizwa maze binjizwa umunyororo. Uwanyuma yinjiye isaha zitandatu z’ijoro”, ni ko umwe mu babibonye yiganiye Ijwi ry’Amerika.

Ni irya mbere kuva Prezida Evariste Ndayishimiye aja kubutegetsi hahagarikiwe icarimwe abacamanza bangana gutya. Ariko incuro zitari nke yarabagabishije avuga ko bamusuzugura bagakora ivyo bishakiye. No kuri uyu wa gatanu yabigarutseko ariko yugurura umwaka w’ubutungane wa 2023-2024 i Gitega. Yavuze ko amakungu agaya igihugu ciwe bitumwe n’abacamanza bakora akazi kabo nabi abasaba gutanga imihoho atari uko abasezeranya ko bazohonyora hamwe. Ariko umunyamategeko Janvier Bigirimana asanga umukuru w’igihugu nka kizigenza atarakwiye kuvuga amajambo nkaya.

Fredreric Bamvuginyumira nawe yahoze ari icegera ca Prezida avuga ko abacamanza basa n’abatamba urwatewe n’ubutegetsi haraheze igihe kirekire. Abivuga ahanini yisunze urubanza rw’uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni ari mumunyororo kuva kuwa 8 ukwa gatanu uyu mwaka yagirizwa uguhungabanya umutekano w’igihugu, uguhungabanya ubutunzi, ugutuka umukuru w’igihugu no gutunga ibirwanisho adafitiye uruhusha nk’uko vyemejwe na parake nkuru ya Repubulika na sentare ntahinyuzwa.

Aba bacamanza indwi bafunzwe bitegekanijwe ko mu ntango z’indwi iza baca baburanishwa mu ntahe y’ikibiriraho nk’uko amasoko yuzuzanya yavyemereye Ijwi ry’Amerika. Ni sentare ntahinyuzwa ibwirizwa kubaburanisha hisunzwe ibiwirizwa nshingiro ry’Uburundi riha ububasha abacamanza bize kaminuza kuburanishwa n’urwo rukiko co kimwe n’abasirikare n’abapolisi bakurubakuru.

Amakuru Ijwi ry’Amerika ryahawe n’amwe mu masoko yo mu butungane no mw’ibohero rya Gitega n’uko abandi bacamanza barenga 10 bikekwa muri iyo dosiye bashobora guhagarikwa umwanya uwariwo wose.

Forum

XS
SM
MD
LG